Worondera kwiyita umusirikare mukuru kugira wiyegereze umukobwa?

Christian Gerald Desgroux yiyambitse nk'umujenerali agiye guhura n'umwigeme

Ahavuye isanamu, Raleigh-Wake County CCBI

Insiguro y'isanamu,

Christian Gerald Desgroux yiyambitse nk'umujenerali agiye guhura n'umwigeme

Hari umugabo w'umunyamerika agiye gupfungwa inyuma yaho yigize umusirikare w'ipete rya Jenerali, akagendera mu ndege ya kajugujugu yururukirije mu rugo rw'umuntu agiye kuraba umukobwa akurikira.

Uwo mugabo mu bisanzwe akora imodoka zapfuye (mécanicien) yagirizwa ivyaha vyo kwifata nk'umusirikare w'umujenarali w'inyenyeri zitatu wa Amerika, kugira ngo ashobore gutura indege ya kajugujugu aho yipfuza, niko ubutegetsi buvuga.

Christian Gerald Desgroux w'imyaka 58, yururukirije kajugujugu yakotesheje ku biro vy'ahitwa Cary muri Caroline yo mu buraruko - ivyo vyose kugira ngo agondoze umukobwa akurikira.

Mu gihe yari yambaye umwambaro w'akazi wa gisirikare, yabwiye abajejwe umutekano bo kuri ivyo biro, ko ari ku mategeko ya Prezida wa Amerika.

Bwana Desgroux arindiriye guhabwa igihano co gupfungwa imyaka itatu, yongere atange amande ya $250,000.

Tony Bell, umupolisi wo mu gisata kijejwe umutekano mu gihugu hagati "Department of Homeland Security", yavuze nk'icabona ku munsi wa mbere ko Bwana Desgroux yururukirije indege ya kajugujugu yakotesheje ku cicaro c'ikigo gikora ku vy'ubuhinga itariki 6 ukwezi kwa 11 mu 2017.

Yari yambaye umwambaro wa gisirikare ico gihe, naho atigeze akora mu gisirikare.

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Bwana Desgroux yabwiye umudereva wa kajugujugu hamwe n'abo bajejwe umutekano, ko afise uruhusha rwo kwururukira ku butaka bw'ikigo "Sas Institute" c'i Cary.

Yaranaramukije abo bapolisi nabo baramusubiza mu buryo bwa gisirikare, niko umupolisi Bell avuga.

Bwana Desgroux yaciye avuga ko aje gutwara umukozi w'umukobwa agiye gusigurigwa ivy'akazi, ku mategeko ya Prezida Donald Trump.

Umupolisi Bell avuga ko munyuma uwo mugore yamubwiye ko yibaza ko Bwana Desgroux yashatse kumukanga mu kwiyerekana ukwo atari, naho yironderera ko bokundana.

Avuga ko haheze imyaka 20 bazinanye na Bwana Desgroux.

Bageze muri kajugujugu, uwo mugore avuga ko ata kindi bakoze kiretse kuzunguruka mu kirere iminota 30.

Umucamanza Robert Numbers yaciye ategeka ko Bwana Desgroux afungwa ku munsi wa mbere ahejeje kwumvirizwa.

Uwunganira Bwana Desgroux, Andrew McCoppin yanditse avuga ko yipfuje kwemanga amakosa, niko ikinyamakuru Associated Press kivuga.

Mu makuru ari mu minwe ya sentare, vyibonekeza ko Bwana Desgroux yigeze gupimwa ko akomeye neza mu mutwe, n'icegeranyo kirasohogwa mu kwezi kwa gatanu.

Ku bw'ico kinyamakuru, uwumwunganira mu rubanza yavuze ku munsi wa kane ko umukiriya wiwe yari akomeye neza igihe ivyo vyashika.

Ngo si ubwa mbere Bwana Desgroux aca iruhande y'amategeko.

Ngo si ubwa mbere kandi Bwana Desgroux akotesha indege ngo akange umukobwa, ngo yarakotesheje iyindi ndege yambaye umwambaro wa gisirikare agiye kuraba uwundi mukobwa mu mwaka uheze.

Bwana Desgroux aturuka mu gihugu ca Chili ariko akaba yaronse ubwenegihugu bwa Amerika mu 2016.

Ni umukanishi w'imiduga (mécanicien) muri Raleigh yo mu buraruko.