Impunzi z'i Kakuma muri Kenya zarize kwigwanako

Abarundikazi barima imboga kugira bashobore kwibeshaho mu nkambi y'impunzi ya Kakuma
Insiguro y'isanamu,

Abarundikazi barima imboga kugira bashobore kwibeshaho mu nkambi y'impunzi ya Kakuma

Zimwe mu mpunzi z'abarundi n'abanyarwanda ziba mu nkambi ya Kakuma, zarize kwigwanako mu kurima imboga zibanje kuvomera iyo si iri mu bugaragwa buri mu buraruko bwa Kenya ku mupaka wa Sudani Yepfo.

Akarere ka Kakuma ku birometero birenga 900 uvuye i Nairobi, kari mu bugaragwa buturuka kw'ikeha ry'imvura.

Igipimo c'ubushuhe kirashobora gushika kuri 48 ku giharuzo ca Celsius.

Ivyo ntivyabujije impunzi z'abarundi n'iz'abanyarwanda kurima imboga, ariko bakaba bavomera isi amasaha menshi ku munsi.

Izo mpunzi zirarima imbogo z'ubwoko bwinshi zirimwo, isombe, amashu, irengarenga n'ibindi.

Insiguro y'isanamu,

Iyo imboga zeze, izo mpunzi zivuga ko zizifashisha mu mfunguro canke zikazigurisha ngo zikenure mu tundi

Umwe mu barimyi umukenyezi Alphonsine avuga ko izo ndimo zibafitiye akamaro kanini mu buzima.

"Zino mboga ziramfasha cane. Mfungura imboga mba numva nipfuza. Zimwe murizo ndazitwara muhira nkateka, izindi nkazijana kw'isoko nkazigurisha, amahera nkuyemwo nkashobora gusuma ivyo ntafise nk'akanyama, ayandi nkayifashisha mu buzima," niko avuga.

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Uwo mugambi wo kurima imboga watangujwe n'abarundi n'abanyarwanda muri kino gihe ukoramwo abantu 650 barimwo imvukira za Kenya hamwe n'impunzi zituruka mu bindi bihugu.

Uwurongoye uno mugambi Mika Kitoko, aremeza ko wabagiriye akamaro.

"Ibihumbi 80 vy'amadolari ku murima wa hegitari zitatu n'inusu womengo ni amahera menshi, ariko iyo ufatiye hamwe ivyo winjiza urabona ko mu myaka ine canke itanu tuzoba twagaruje ayo mahera. Nko mu mwaka uheze wonyene twaronse amadolari ibihumbi 10," niko avuga.

Imbere yuko uwo mugambi utanguzwa, impunzi z'abarundi n'abanyarwanda nibo batanguye kurima izo mboga zivomegwa incuro zitandatu ku munsi, hakoreshejwe amazi ava mu mariba.

Nibo biharije igisata c'imboga mw'isoko ya Kakuma, mu ntara ya Turkana mu buraruko bwa Kenya.

Ishirahamwe ryitaho impunzi HCR risanga uwo mugambi ari akarorero izindi mpunzi zofatirako mu kurondera kwifasha.

Umunsi w'uno munsi ukaba wahariwe impunzi kw'isi.

Muri rusansuma ruherutse gukogwa mu kwezi kwa mbere kw'uno mwaka, ikambi za Kakuma na Kalobeyei hirya yayo zicumbikiye impunzi 185449 zituruka mu bihugu vya Sudani Yepfo, Ethiopia, u Burundi, u Rwanda na Repubulika y'intwaro ya Demokarasi ya Congo.