Ethiopia na Eritrea mu nzira yo kwumvikana

Eritrea na Ethiopia baragwaniye ubutaka ku mbibe zavyo

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Eritrea na Ethiopia baragwaniye ubutaka ku mbibe zavyo

Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Abiy Ahmed yakeje Prezida wa Eritrea Isaias Afewerki ku "nyishu yubaka" ku mugambi w'amahoro no kunywanisha abanyagihugu, niko umukuru wa gisirikare yavuze.

Ethiopia izokwerekana "ishaka ryiza" intumwa za Eritrea Prezida Afewerki ategekanya kurungika gufasha gutorera inyishu impari zishingiye ku butaka, niko Fitsum Arega yanditse ku buryo bwa Twitter:

Imbere yaho Prezida Afewerki yasa n'uwashimye igenwa ry'umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Abiy Ahmed, mu kuvuga ko ico gihugu cinjiye "mu gihe c'amahinduka".

Ashikiriza ijambo hibukwa abamaratiri, yagize ati "urukino rurarangiye" ku muhari "Tigray People's Liberation Front" (TPLF), wafatwa nkaho ariwo ufise ijambo muri leta y'ubumwe imbere yuko Bwana Ahmed ashikira ubutegetsi mu kwezi kwa gatatu.

Bwana Isaias yongeye ati:

Ethiopia iri mu mayirabiri muri kino gihe. Yerekeza he? Bizoshika gute? Bino ni ibibazo bikwiye kwihwezwa. Harakenewe umwanya n'utwigoro ngo amabi yakozwe na TPLF yibagigwe, haze icuka ciza, intumbero nziza yatangujwe iragaragara.

Bwana Isaias yavuze ko azorungika intumwa mu biganiro muri Ethiopia, vyorangiza impari zishingiye ku mbibe kugira ngo "amahoro n'umwumvikano bigaruke".

Ivyo bihugu bibiri vyarinjiye mu ngwano hagati y'i 1998 n'i 2000 bipfa ubutaka, abantu baharugwa mu bihumbi mirongo barapfa abandi barakomereka.

Umuhari TPLF wagirizwa kuba waranse amasezerano y'amahoro yotumye agace karimwo impari gasubizwa Eritrea.

TPLF nawo wagiriza Eritrea gutanguza ingwano, ukavuga ko umukuru w'igihugu atwaza igikenye.

Kuva ashitse ku butegetsi, Bwana Abiy yavuze ko Ethiopia izoshigikira umugambi w'amahoro.