Amerika yahagaritse imyimenyerezo ya gisirikare yogiranye na Korea Yepfo

Abasirikare ba Amerika na Korea Yepfo mu myiyerekano ya gisirikare mu 2017 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abasirikare ba Amerika na Korea Yepfo mu myiyerekano ya gisirikare mu 2017

Igihugu ca Amerika cahagaritse imyimenyerezo cogiranye na Korea Yepfo mu ntumbero yo kugondoza Korea ya Ruguru ngo ivavanure n'ibigwanisho ruhonyanganda.

Iyo myimenyerezo irimwo iy'ibikorwa vya gisirikare vyo mu mazi.

Mu ntango y'ino ndwi, Washington na Seoul barigije inyuma imyimenyerezo ya gisirikare yogiyemwo abasirikare 70000 yategekanywa mu kwezi kw'umunani.

Prezida Trump yemeye ko agiye guhagarika imyimenyerezo ya gisirikare na Korea Yepfo amaze kubonana n'indongozi ya Korea ya Ruguru Kim Jong-un muri Singapour.

Ku rundi ruhanda Bwana Kim yemeye ko agiye gukura mu gihugu ibigwanisho vya "nucléaire" ariko nta kirangaminsi yatanze.

Hagataho Prezida wa Amerika Donald Trump yasubije ibihano kuri Korea ya Ruguru avuga ko ibangamiye umutekano ku buryo burenze, uravye ibigwanisho ruhonyanganda vyayo - haheze iminsi cumi avuze ko ata kabi kova Pyongyang.

"Nta bwoba umuntu yogira kubera Korea ya Ruguru ku bijanye n'ibigwanisho ruhonyanganda," niko yavuze ku buryo bwa Twitter itariki 13 ukwezi kwa gatandatu haheze umunsi agiranye umubonano na Kim Jong-un i Singapour.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Trump (i buryo) avuga ko Korea ya Ruguru igitera icuka c'ubwoba

Prezida Trump yavuze ku munsi wa gatanu ati "hariho ubutare bufasha gukora ibigwanisho bishwanyura isi mu karere ka Korea n'ibikorwa hamwe na politike ya Korea ya Ruguru".

Ivyo "bibandanya gutuma haba icuka c'ubwoba ku mutekano w'igihugu, politike irabana n'amakungu, n'ubutunzi bwa Leta zunze Ubumwe za Amerika", niko yabwiye inama y'abashinzwe amateka.

Abo mu mugambwe w'aba "Démocrates" bavuze ko iyo mvugo iteye kubiri n'ivyo yari yashikirije ko ibiganiro vyo muri Singapour vyagenze neza cane.