Abagore ba Arabie Séoudite barekuriwe kugendesha imiduga ku mugaragaro

Abagore n'abigeme bemerewe kugendesha imodoka ku mugaragaro muri Arabie Séoudite
Image caption Abagore n'abigeme bemerewe kugendesha imodoka ku mugaragaro muri Arabie Séoudite

Abagore bo muri Arabie Séoudite barekuriwe kugendesha imiduga ku mugaragaro, inyuma y'imyaka mirongo hasohotse itegeko ribibuza.

Iyo ngingo yatangajwe mu kwezi kw'icenda mu mwaka uheze, ubutegetsi bwa Arabie Séoudite bukaba bwatanguye gutanga impusha zo kugendesha imiduga mu ntango za kuno kwezi.

Nico gihugu cari kigisigaye kw'isi aho abagore batashobora gutwara imiduga, imiryango igasabwa gukoteshereza abagore abashoferi.

Ino ngingo yashitsweko mu gihe hari abaharanira amateka bamaze iminsi bafatwa, kuberako bagwanira uburenganzira bwo gutwara imodoka.

Niburiburi abagore umunani baharanira amateka bari mu mvuto, bakaba bahakwa gushikirizwa sentare ikurikirana ivyaha bijanye n'iterabwoba, bagakatigwa ikiringo kirekire co gupfungwa, niko Amnistie ivuga.

Abapfunzwe barimwo uwitwa Loujain al-Hathloul, azwi neza mu kugwanira uburenganzira bw'abagore bwo gushobora kugendesha imodoka.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Hannan Iskandar asomwa n'abavyeyi avuye kugendesha imodoka ubwa mbere ku mugaragaro

Abagore baharugwa mu bihumbi bashobora kuja mu mabarabara vuba.

"Ni igihe kizoshigwa mu mateka ku bagore ba Arabie Séoudite," niko uwushikiriza ibiganiro kuri televiziyo y'igihugu, Sabika al-Dosari yabwiye itororokanirizo AFP.

Yavuze ko nawe nyene yari mu bagendesha imiduga igihe itegeko ribibabuza rikuriwe, isaha zitandatu zo mw'ijoro ku wa gatandatu.