Turukiya mu matora y'umukuru w'igihugu

Prezida Erdogan yahamagaje amatora yihuta ngo agerageze kuguma ku butegetsi ariko gutsinda si ivyoroshe Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Prezida Erdogan yahamagaje amatora yihuta ngo agerageze kuguma ku butegetsi ariko gutsinda si ivyoroshe

Igihugu ca Turukiya cazindukiya mu matora y'umukuru w'igihugu aho Prezida Recep Tayyip Erdogan arondera kurongora igihugu ku kiringo ca kabiri c'imyaka itanu.

Ayo matora atogwamwo n'abo mu nzego zemeza amategeko, yuguruwe isaha zibiri zo mu gitondo, amasaha yo muri Turukiya.

Mu gihe Bwana Erdogan yotsinda, yitezwe kugira ububasha bunini abo batavuga rumwe bavuga ko bizotuma demokarasi isubira hasi.

Uwukomeye bahiganwa n'uwo mu mugambwe "Republican People's Party" (CHP), Muharrem Ince.

Turukiya iri mu mategeko nkayo mu bihe vyo ngwano, kuva igihe zihakiye guhindura imirisho mu kwezi kw'indwi mu 2016.

Mu bisanzwe ano matora yari ategekanijwe mu kwezi kwa 11 mu 2019, ariko Bwana Erdogan afata ingingo yo kuyakoresha kare.

Abo bakandida babiri bavuganako ibiki?

Bwana Erdogan n'uwo bahiganwa Muharrem Ince bakoresheje imyiyamamazo y'agakura ku munsi wa gatandatu, umunsi wa nyuma wo kwiyamamaza, umwumwe wese akaba yavuga ko mugenziwe adakwiye kurongora igihugu.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY IMAGES
Image caption Muharrem Ince avuga ko ataho azohengamira ni yatorwa

Bwana Ince yatumye abatavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Turukiya bavyuka, avuga ko yipfuza kwigiza kure intwaro y'agahotoro ya Bwana Erdogan.

"Igihe Erdogan yotsinda, telefone zanyu zizoguma zumvirizwa... Icuka c'ubwoba kizogumaho," niko yabwiye abantu bababa umuliyoni bari bakoraniye Istanbul.

"Igihe Ince yotsinda, sentare zizokwigenga."

Bwana Ince avuga kandi ko ni yatogwa azokura amategeko yashinzwe nk'ayo mu bihe vy'ingwano mu masaha 48, avuga ko atuma umukuru w'igihugu ataco ahanuza inama zishinga amategeko.

Ku rundi ruhande Prezida Erdogan yagiriza Bwana Ince - yigeze kwigisha akongera akaba umushingamateka imyaka 16 - ko ata bushobozi afise bwo kurongora igihugu.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Bwana Erdogan avuga ko Bwana Ince atoshobora gutwara igihugu

"Kuba umwigisha wa "physique" ni kimwe, ni ikindi kintu kurongora igihugu," niko Bwana Erdogan yavuze.

"Kurongora igihugu bisaba kuba ufise ubuzobere."

Yabwiye abamushigikiya ko ategekanya kurangura imigambi ikomeye mu bikorwa remezo no mu butunzi.

Ibindi bisa n’ibi