Umuryango wa Buraya mu nama idasanzwe ku kibazo c'abimukira

Abategetsi b'umuryango w'Ubumwe bwa Buraya mu nama i Buruseli mu kwezi kwa gatatu 2018 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abategetsi b'umuryango w'Ubumwe bwa Buraya mu nama i Buruseli mu kwezi kwa gatatu 2018

Abategetsi b'ibihugu 17 bihurikiye mu muryango w'ibihugu vya Buraya bari mu nama yahamagajwe vyihuta yo kwigira hamwe ingene bokemura ikibazo c'abimukira i Buruseli mu Bubiligi.

Yahamagajwe n'akanama kiga ibibazo vy'umuryango "European Commission", ariko vyasabwe mu ntango n'uwurongoye leta y'Ubudagi Angela Merkel, mu gihe hategekanijwe inama nyezina mu ndwi iza.

Amakuru avuga ko ariko aragwana ngo arabe ko yoguma ku butegetsi, mu gihe abo babusangiye b'aba "conservateurs" bamugabishije ko bashobora gufata ingingo zikomeye ku bimukira, igihe Ubudagi butoba burondeye ingene bwumvikana n'ibindi bihugu vy'umuryango wa Buraya kuri politike rusangi yofatwa bitarenze impera za kuno kwezi.

Abarongoye Uburaya mu nama yo guhagarika abimukira

Sentare ya EU yahakanye ibisabwa n'ibihugu bimwe bimwe ku bimukira

Ubutegetsi bw'i Roma bwaranse ivyasabwe na Prezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron, bwibaza ko vyotuma umuzigo Ubutaliyano bwikoreye ku bijanye n'abimukira, ko woguma uremera kurusha.

(Ibihugu bine vyo mu karere ka Buraya ya hagati biri mu mugwi Visegrad bigizwe na République Tchèque, Hongrie, Pologne na Slovaquie, vyanse kwitaba iyo nama, mu gihe vyanse kuva kera kwakira abimukira.)

Ibindi bisa n’ibi