Abagore bakiri bato "ntibaryohegwa mu mibonano mpuzabitsina"

Abakundana bari mu gitanda

Ahavuye isanamu, Science Photo Library

Insiguro y'isanamu,

Abakundana bari mu gitanda

Hafi y'igice c'abagore bafise imyaka iri hagati 25-34 ntibaryohegwa mu mibonano mpuzabitsina mu buzima, niko icegeranyo cakozwe n'ikigo citaho amagara "Public Health England" kivuga.

Ivyo vyatowe igihe abagore bashika 7000 bafise imyaka iri hejuru ya 16 bishuye ibibazo vyateguwe n'ikigo kijejwe amagara cipfuza kumenya politike cotunganya ku bijanye no kurondoka.

Gushika ku rugero umuntu yumva ko akwije ari mu mubonano mpuzabitsina ngo vyiyongera ukwo imyaka iba myinshi - abagore bari munsi y'ica gatatu bafise imyaka iri hagati ya 55-64 bavuze ko batigeze baryohegwa n'imibonano mpuzabitsina bakoze mu mezi 12 yararangiye.

Kwirinda gusa imbanyi utavyipfuza biri mu myitwarariko ya mbere y'abagore muri rusangi.

Kugwana n'ububabare, kuvirirana umuntu ari mu butinyanka, ni ica gatatu c'abagore bavuga ko bibatera imyitwarariko, mu gihe kutaryohegwa mu mibonano mpuzabitsina biza ubwa kabiri.

Kuja kwipimisha ingwara zishingiye ku kurondoka, gupimisha igitereko vyaza ubwa kane, mu gihe gupimisha ibindi bijanye n'imvyaro biza ubwa gatanu.

Ingorane yindi yavuzwe n'iyijanye no gusama imbanyi, iri ku kibanza ca gatandatu.

Kwandura ingwara zifatira ku gitsina caje ubw'indwi.

Ivyo bibazo vyishuwe n'abagore barenza imyaka 16, baba mu gihugu c'Ubwongereza.

Mu bindi vyatowe muri iryo tohoza:

  • Abagore bakunda kugira imibonano mpuzabitsina barafise niburiburi uburyo bakoresha bwo guhagarika imvyaro.
  • Mu bakoresha uburyo bwo guhagarika imvyaro, ica gatatu cabo bavuga ko bakoresha "stérilet" (agakoresho bashira mu gitereko)
  • Ikindi ca gatatu bavuga ko bakoresha ibinini bihagarika imvyaro vy'agateganyo.
  • Hari n'abavuze ko bakoresha udufuko ariko ngo si igihe cose.

Ahavuye isanamu, Angela Kilcoyne

Insiguro y'isanamu,

Angela avuga ko ukugenzura imvyaro bidakunze gucishwa mu kanwa

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Angela Kilcoyne ari mu bishuye ibibazo agira ati: "Kuva mfise imyaka 13, numva mbangamiwe iyo ndiko ndavirirana cane ndi mu butinyanka - ivyo bikaba vyatuma mbabara kandi ngira iseseme. Nakoze mu mabanki imyaka myinshi, aho abagabo aribo bari benshi, sinigeze mbwira abangaba ko nama nja mu bihe bigoye ndi mu butinyanka.

"Nategerezwa kurondera ivyo nireguza ukwei ku kwezi. Naragerageza kwihangana ngo mpeze umunsi, nkagwa nk'uwapfuye ngeze muhira. Ibibazo bijanye n'ukurondoka vyari bikwiye kuvugwa ku kazi nka kurya kw'izindi ndwara."

Dr Sue Mann akurikirana ivy'amagara ashingiye ku kurondoka mu Bwongereza avuga ati: "Birakenewe ko umugore aryohegwa mu mabanga mpuzabitsina mu buzima bwiwe kuko bimufasha mu mutwe no ku kuntu yakira ibimushikiye. Mu makuru twatororokanije vyibonekeza ko kuryohegwa mu mabanga mpuzabitsina biri mu bifasha ku bijanye n'amagara ashingiye ku kurondoka kandi ko abagore bagirira ingorane muri iyo mibonano batarondera gufashwa.

"Mu bushakashatsi twakoze biribonekeza ko hari abantu bahamwa iyo bavuze ku bijanye n'amagara ashingiye kw'irondoka, bigatuma haba n'abagore batarondera ikibibafashamwo.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Abakobwa bakiri bato bari mw'ibarabara

Ivyo usanga bishika kenshi ku kazi aho abagore benshi bitaborohera kubwira ababagaba ibituma bumva bashaka guhagarika akazi bitewe n'ingorane barimwo.

Dushaka gufasha abagore ngo baje barigishanya ku vyerekeye amagara ashingiye kw'irondoka, bumve ko badakwiye gutinya kubiganira."

Ikigo "Public Health England" cihaye imyaka itanu yo gufasha abagore ku bijanye n'amagara ashingiye kw'irondoka.