Abategetsi ba Eritrea mu rugendo muri Ethiopia

Prezida wa Eritrea Isaias Afeworki yaheruka kwemera ko agiye kurungika intumwa muri Ethiopia

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Prezida wa Eritrea Isaias Afeworki yaheruka kwemera ko agiye kurungika intumwa muri Ethiopia

Abategetsi ba Eritrea bo ku rwego rwo hejuru bashitse mu gisagara ca Addis Ababa muri Ethiopia, mu rugendo rw'akataraboneka.

Urwo rugendo ari urwa mbere rubaye mu myaka mirongo rugiye gufasha kurangiza uruhagarara rwari hagati y'ivyo bihugu bibiri rwatewe n'ingwano y'imipaka yamaze imyaka ibiri.

Intumwa za Eritrea zigizwe n'umushikiranganji w'imigenderanire n'amakungu Osman Saleh hamwe n'umuhanuzi wa Prezida Yamane Gebreab, bose bakaba batewe iteka ryo gusasigwa umukeka utukura igihe indege ya Arab Emirates yatura ku kibuga mpuzamakungu ca Bole.

Bakiranywe igishika n'umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Abiy Ahmed.

Abarongoye amadini, abari mu gisata c'utugenegene, abakozi bakuru bo muri leta bose niho bari bari.

Umuzo w'izo ntumwa muri Ethiopia biri mu vyo Prezida wa Eritrea Isaias Afeworki yari yemeye igihe co kwibuka abamaratiri mu gihugu.

Urunani rusangiye ubutegetsi muri Ethiopia ruherutse gufata ingingo yo gushira mu ngiro amasezerano yapfundikiwe i Alger mu ntumbero yo kurangiza amatati y'imbibe no kuzana amahoro hagati y'ivyo bihugu bibiri.

Inyuma y'ingwano y'imyaka ibiri, yahitanye abantu barenga ibihumbi 100 impande zose, umuryango mpuzamakungu Onu wemeje ko akarere kari mu matati kegukira igihugu ca Eritrea.

Ico cemezo nticigeze cemegwa na Ethiopia, gushika ubu.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Abiy Ahmed mu gikorane co kunywanisha abenegihugu

Umuzo w'umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed ku butegetsi warahinduye ibintu, Ethiopia yemera ayo masezerano "ataco yiriwe irasaba".

Urwo rugendo ngo rugiye gutuma haba ibindi biganiro hagati y'ivyo bihugu bibiri, vyotuma abategetsi bavyo bicarana ku meza.