Umusomalia yubakanye n'abapfasoni 2 umusi umwe

Mohamed n'abapfasoni biwe babiri Uwufise ububasha kw’isanamu Hisani
Image caption Mohamed n'abapfasoni biwe babiri

Umusore umwe w'umunye Somalia yubakanye n'abapfasoni abiri umusi umwe yabwiye BBC ko azohanura abandi basore kubigenza gutyo.

Bashir Mohamed avuga ko yareheje abo bapfasoni babiri bose amezi umunani abasaba ko bokubakana na we.

Yabwiye BBC :"Nahora ndabaza muhira bose".

yongeyeko "Nahora ndababwira bose ata kwinyegeza ko ndabakunda. Barabishimye".

Mohamed yavuze kandi ko "Ineza yo kubakana na bo icarimwe n'uko batagiriranira ishari kandi barazi kuva mu ntango ko ari abagore babiri banje".

Avuga ko ashimye kwubakana n'abapfasoni babiri kuko yipfuza abana benshi.

Abagore ba Arabie Séoudite barekuriwe kugendesha imiduga ku mugaragaro

Vyoba ari vyo ko mu gihe c'imbeho havuka abana benshi?

Mohamed yavuze kandi ko "Nzohanura abandi bagabo banyigane mu kurongora abagore benshi mu gihe bafise ubushobozi".

Kurongora abagore benshi birarekuwe mu mico y'abanye somalia ariko kuzana abagore babiri icarimwe ntibisanzwe nk'uko bivugwa n'umumenyeshamakuru wa BBC Mohamed Mohamed.

Yongeyeko ko " Vyarashitse kenshi mu myaka yaheze, bikaba bishoboka ko ubu yoba ibaye ingendo nshasha".

Mohamed yubakanye n'abo bapfasoni babiri Iqra na Nimo mu kigwati ca Sinai mu ntara yiyonkoye kuri Somalia ya Somaliland itariki 22 z'ukwezi kwa gatandatu.

Ibindi bisa n’ibi