Uwafashwe adandaza isambusa z'inyama z'inyabu yaciriwe gupfungwa imyaka 3

Paka

Umuntu yahamijwe icaha co kugurisha inyama z'inyabu ku bantu yaciriwe igipfungo c'imyaka itatu na sentare ya Nakuru muri Kenya.

Umucamanza mukuru Bernard Mararo yahamije icaha James Mukangu Kimani inyuma yo kwemera icaha igihe yari yitavye iyo sentare ku musi wa mbere.

Kimani yagirijwe kubaga no kugurisha inyama z'inyabu ku bantu mu kwezi kwa gatandatu itariki 24 mu gisagara ca Nakuru.

Yagirijwe ko yabaze inyabu akayigaburira abantu bikaba biteye kubiri n'amategeko agenda imfungurwa n'imiti.

Uwo mugabo yafashwe ku wa Mungu aho bavuga basanze ariko arakura urushato ku nyabu.

Ikinyamakuru ca Star kivuga ko yemeye ko ateka isambusa zirimwo inyama z'inyabu.

Inkuru zo mu bimenyeshamakuru vyo muri Kenya zivuga ko uwo mugabo yemeye ko amaze kugurisha inyama z'inyabu zirenga igihumbi muri ico gisagara ca Nakuru kuva mu mwaka wa 2012.

Ikinyamakuru ca Nation kivuga ko yabwiye abamenyeshamakuru ko yatanguye urwo 'rudandaza' inyuma yo "kubona ko zikundwa cane kw'isoko".

Yavuze kandi ko anagurisha inshato z'inyabu kandi ko ku nyabu imwe imwe bamuha amashiringi 500 (5$).

Yabwiye ikinyamakuru ca Nation ko "abanshorera ndababwira ko inyama nk'iyi ndayikura Gioto (aho bata umucafu), ariko ntibazi ko ari inyama y'inyabu."

Uwo mugabo yafatiwe mu karere gacamwo igariyamoshi i Nakuru aho yakubiswe n'isinzi ry'abantu imbere y'uko atabarwa n'igipolisi aca apfungirwa ku gituro c'igipolisi ca Ukulima.

Mu mategeko ya Kenya, kirazira kikaziririzwa kurya inyama itarasuzumwa n'abajejwe amagara y'abantu, ko kurya inyama z'igikoko kitarekuriwe kuribwa muri Kenya.