Merkel asaba Uburaya kwumvikana ku masezerano araba abimukira

Uwurongoye leta y'Ubudagi Angela Merkel Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Uwurongoye leta y'Ubudagi Angela Merkel

Imbere y'inama y'umuryango w'ibihugu vya Buraya, umukuru wa leta y'Ubudagi Angela Merkel asaba ivyo bihugu gukora ngo bitorere hamwe inyishu ku kibazo c'abimukira.

Yabwiye abajejwe amateka ko ikibazo c'abimukira gishobora kuba mu bivugwa cane muri kino gihe i Buraya.

Ateye ako kamo imbere y'inama y'umuryango w'ibihugu vya Buraya ifise intego yo kwihweza ingene ikibazo c'abimukira cotoregwa umuti - na cane cane abanyafrika - babandanya kujabuka ikiyaga ca Méditerranée bagashira mu kaga ubuzima bwabo.

Madamu Merkel arakomerewe arondera ko hoshigwaho amasezerano yohagarika bashasha bipfuza kwinjira i Buraya.

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati Horst Seehofer, yamusavye kuba yatoreye ico kibazo inyishu gushika mu mpera z'ino ndwi.

Nayahandi yavuze ko azoca atangura kwirukana abimukira atanguriye mu ntara avukamwo.

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
Urashobora kwakira abimukira iwawe ukabaha aho barara? I Buruseri hari ababikora...
Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ubugiriki buvuga ko hakwiye gufatwa ingingo ningoga ngo amazinga y'ico gihugu atezurigwe

Abo bimukira barimwo abahunga ingwano yo muri Siriya hamwe n'izindi ndyane, barondera ubuhungiro.

Avuga ko kugira umuryango wa Buraya ugume wizegwa, ko ukwiye gukemura ico kibazo udashize inyuma ivyo vyose biha agaciro umugabane wa Buraya.

Ivyo ibihugu vy'uwo muryango bitumvikanako ni kugabangana uruhara kimwe kimwe cogira ku bijanye n'abo bimukira bajabuka ikiyaga ca Méditerranée.

Ibihugu bikomeye mu muryango bishaka ko n'ibindi bifasha muri ico kibazo, ariko ibihugu vyo mu karere ka Buraya ya hagati vyaravyiyamirije.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ubutegetsi bwa Buraya buguma burondera ingene bwozibira amato atwaye abimukira azanana mu gihugu ca Libiya

Igitigiri c'abimukira barondera kuja i Buraya caragabanutse kuva aho gishikiye kw'isonga mu 2015.

Igihugu c'Ubutaliyano nico ca mbere gifise abimukira benshi ku butaka bwaco.

Ibindi bisa n’ibi