Ku myaka 10, amaze gutsindira agashimwe k'umu DJ mwiza

Ku myaka 10, amaze gutsindira agashimwe k'umu DJ mwiza

Amaze kwandika amateka mu kuba umuntu muto wa mbere atsindiye agashimwe kama gatangwa buri mwaka ku mu DJ mwiza kuruta abandi muri Ghana.

Ku myaka icumi gusa, DJ Switch yamenyekanye cane amaze kuboneka mu biteramo bikuru bikuru vyo mu gihugu, ahabwa n'agashimwe k'umu DJ w'uyu mwaka.

Ntiyagarukiye aho, kuko aheruka no gusohora indirimbo nshasha yiririmbanye, 'Diceiver'.

Ikiganiro gisha ca BBC cibanda cane cane kubana ku mugabane wa Afrika, 'What's New' caramuganirije, atanga impoanuro zofasha bashaka kuba aba DJ beza.

Mutege amatwi.