Bamwe mu bagira ingendo muri Amerika ntibazokworoherwa

Sentare y'intango yari yavuze ko iyo ngingo iteye kubiri n' ibwirizwa nshingiro Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Sentare y'intango yari yavuze ko iyo ngingo iteye kubiri n' ibwirizwa nshingiro

Sentare ntahinyuzwa muri Leta zunze Ubumwe za Amerika yashimangiye ingingo ya perezida Trump yo kwima uburenganzira bamwe mu baturuka mu bihugu birwiriyemwo aba Isilamu.

Kubona sentare ntahinyuzwa ya Leta zunze Ubumwe za Amerika ishimangira ingingo ya perezida Trump yo kubuza abaturuka mu bihugu birwiriyemwo aba Isilamu uburenganzira bwo kwinjira muri Amerika vyafashwe nk'intsinzi ya mbere yiwe kuva agiye ku butegetsi.

Ingingo yo kugumizaho itegeko ribuza abaturuka mu bihugu vy'aba Islamu guhabwa uburenganzira bwo kwinjira muri Leta zunze ubumwe za Amerika yashigikiwe n'abacamanza batanu, abandi bane barayihakana mu bagize sentare ntahinyuzwa.

Ibemeje iyo ngingo bashingiye ku cemezo c'uko abari bayitwariye bananiwe kwerekana ko yoba iteye kubiri n'amategeko agenga abimukira mu gihugu, canke isubirwamwo ry'ingingo y'ibwirizwanshingiro, yabuza leta gukundwakaza amwe mu madini.

Ingingo yo kwimira abinjira muri Leta zunze Ubumwe za Amerika baturutse mu bihugu umunani, birimwo bitandatu birwiriyemwo aba Islamu, yashinzwe na perezida Trump mu mwaka uheze.

Ivyo bihugu ni Syria, Libya, Iran, Tchad, Somalia, Korea ya ruguru hamwe na Venezuella.

Perezida Trump yashimye iyo ngingo ya sentare.