Senegal ni wo mugwi wa nyuma wa Afrika ugifise amahigwe yo kubandanya ihiganwa

Abakinyi ba Senegal Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abakinnyi ba Senegal bishimira intsinzi ku mukino wabahuje na Polonye mu gikombe cy'si cya 2018 mu Burusiya

Umukinyi w'inyuma wa Senegal Kalidou Koulibaly avuga ko Senegal iza gukinana umutima mu nda mu gihe iza kuba ari wo mugwi wonyene wa Afrika uriko urarondera kubandanya ihiganwa ry'igikombe c'isi ririko rirabera mu Burusiya.

Misri, Maroc, Nigeria na Tunisia bose baramaze gusezera ihiganwa.

Mu gihe Senegal yotsinda Colombia kuri uyu wa kane, bazoca bahura n'Ubwongereza canke Ububiligi.

Koulibaly w'imyaka 27 avuga ati: "Dutegerezwa kubanezereza, mu kuduza ibendera rya Senegal na Afrika muri iki gikombe c'isi."

Senegal iri mu kibanza ca mbere mu mugwi H n'amanota ane, inyuma yo gutsinda Pologne ikananganya n'Ubuyapani na bwo nyene bufise amanota ane.

Igikombe cy'isi 2018: Kuki abatoza b'abirabura badahabwa amahirwe?

Senegal iza ubwa mbere muri Afrika ku rutonde rushasha rwa Fifa

Colombia ifise amanota atatu mu gihe Pologne ata cizere co kubandanya ihiganwa igifise inyuma yo gutsindwa inkino zibiri za mbere.

Koulibaly asanzwe akina mu mugwi wa Naple yongeyeko ko ati: "Turazi ko dusanzwe dufise imiliyoni 15 z'abanye Senegal badushigikiye ariko ubu ho dufise umugabane wose."

"Bose baraza kudushigikira."

Uwufise ububasha kw’isanamu .

Misri ntiyaronse n'inota na rimwe mu nkino zitatu zose mu mugwi A, mu gihe Tunisia iza gukina na Panama kuri uyu wa kane, yatsinzwe inkino zibiri za mbere ikaba idashobora kubandanya ihiganwa mu mugwi G.

Maroc yaronse inota rimwe gusa mu mugwi B inganije na Espagne, mu gihe Nigeria yatsinze Islande ariko itsindwa na Argentine hamwe na Croatia mu mugwi D.

Senegal igiye mu gikombe c'isi ubugira kabiri gusa, bakaba barashitse mu gice ca kane gishira ica nyuma bakija muri izo nkino mu 2002.

Igikombe cy'isi 2018: Kuki abatoza b'abirabura badahabwa amahirwe?

Abajijwe nimba yumva ko hari abantu benshi babahanze amaso kugira babandanye ihiganwa, Koulibaly yavuze ati: "Nibaza ko ari kutwitegako ibintu vyiza gusumba ukuduhanga amaso."

"Turakora uko dushoboye kugira tugume mu migwi 16 ya mbere, kandi nibaza ko ata co tubuze kugira tubishikeko."

Nta mugwi n'umwe wo muri Afrika umaze gushika mu gice ca kabiri gishira ica nyuma.

Cameroun (1990), Senegal (2002) na Ghana (2010) bose bagarukiye mu gice ca kane gishira ica nyuma.