Laurent Simons wo mu Bubiligi yatanguye kaminuza afise imyaka umunani

Generic image of person holding pencil over paper

Akana k'agahungu ko mu Bubiligi kahejeje amashure yisumbuye gafise imyaka umunani, kize ivyo kokwize imyaka itandatu mu mwaka umwe n'igice.

Laurent Simons, avuka kuri se wiwe w'umubiligi hamwe na nyina wo muri Holande afise ubwenge (IQ) bungana na 145 nk'uko bivugwa n'abavyeyi biwe, yaronse urupapuro rw'umutsindo rwiwe ari kumwe n'abana bafise imyaka 18.

Avugira kuri radio y'Ububiligi RTBF, Laurent yavuze ko akunda cane ibiharuro "kubera birimwo ibintu vyinshi".

Inyuma y'ibiruhuko vy'amezi abiri azoca atangura kaminuza.

Se wiwe yavuze ko umuhungu wiwe akiri muto vyamugira cane gukina n'abandi bana, kandi ko na cane cane aterekwa ibipupe.

Laurent ntagishaka kuba umuganga abaga abantu canke umuhinga mu vyerekeye ibigendajuru, ariko ariko ariyumvira gukurikirana ivyerekeye inyabwonko.

"Se wiwe avuga ati:"Mu gihe ejo yovyuka ashaka kwiga kwubaka, nta kibazo twebwe biduteye mu gihe vyoba bimunezereza."

Ibindi bisa n’ibi