Abantu 20 bapfuye mu mpanuka y'imodoka muri Tanzaniya

Kugendesha nabi hamwe n'amabarabara mabi biri mu biteza impanuka muri Tanzaniya

Ahavuye isanamu, Courtesy

Insiguro y'isanamu,

Kugendesha nabi hamwe n'amabarabara mabi biri mu biteza impanuka muri Tanzaniya

Prezida wa Tanzaniya John Magufuli yarungikiye ubutumwa imiryango n'abagenzi b'abantu 20 baguye mu mpanuka y'imodoka ku munsi wa Mungu ku mugoroba.

Iyo mpanuka yagizwe na bisi zitatu hamwe n'ikamyo mu bwinjiriro bw'igisagara ca Mbeya, mu bumanuko bushira uburengero bwa Tanzaniya.

Umukuru w'igipolisi muri ako karere ka Mbeya, Mussa Taibu yabwiye BBC ko iryo sanganya ryabaye igihe iyo kamyo yari itwaye kontenere yaseka bisi nto hapfa abantu 20 ubwo nyene, abandi 40 barakomereka.

Yavuze ko inyuma yo guseka iyo bisi, iyo kamyo yaciye iseka izindi bisi ntoya zibiri imbere yuko igwa mu ruzi.

Iyo kamyo yari ivuye i Mbeya igiye ku rubibe rwa Tanzaniya na Zambia, mu gisagara ca Tunduma.

Mu butumwa bwo guhoza, Prezida John Magufuli yavuze ko ababajwe n'urupfu rw'abo bantu benshi rwari gushobora kwirindwa.

Ino mpanuka ibaye haheze indwi zibiri gusa habaye irindi sanganya ryo mw'ibarabara muri ico gisagara nyene, ryahitanye abasirikare b'abasubirizi igihe bisi barimwo yuzuye gushika ku bunwa yacuranguka.

Ukugendesha imodoka umuntu ataco yinona hamwe n'amabarabara mabi, bivugwa ko biri mu bituma impanuka zo mu mabarabara muri Tanzaniya.