Inkoziyikibi yatorotse ibohero muri kajugujugu i Paris

Ni ibohero rya kabiri Redoine Faid atorotse avamwo Uwufise ububasha kw’isanamu IBO/SIPA/REX/Shutterstock
Image caption Ni ibohero rya kabiri Redoine Faid atorotse avamwo

Redoine Faid yatumye hagomogwa abantu 3000 basabwe kumurondera inyuma yaho ahungiye na kajugujugu ava mw'ibohero ryo mu gisagara ca Paris abifashijwemwo n'abagabo batatu bafise ibigwanisho.

Abagabo babiri bipfuse mu maso bafise inkoho nk'izikoreshwa mu ngwano, bakoresheje ibibombe birekura umwuka n'imashini zigegena ivyuma kugira ngo bashike mu cumba c'abashitsi aho Faid yariko avugana n'uwo bavukana.

Uwundi mugabo wa gatatu yari mu kigo c'ibohero areretse indege n'umudereva wayo - umwigisha wo gutwara indege izo nkozizikibi zanyuruje.

Iyo kajugujugu yagurutse ija mu karere kari hafi ka Gonesse, aho igipolisi cayitoye.

Faid w'imyaka 46, yari mu gihano c'igipfungo c'imyaka 25 mu kuba yigeze kuja kwiba ariko ntiyaroranigwa, ico gihe umupolisi arapfa.

Bubaye ubwa kabiri atoroka avuye mw'ibohero: mu 2013, yarahunze amaze kwikingiza abantu bane, agaturitsa imiryango akoresheje "dynamite".

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Kajugujugu yabafashije guhunga yatowe ahitwa Gonesse, mu buraruko bwa Paris
Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Faid yarigeze guhunga ari mu rindi bohero rya Sud-Francilien hanze ya Paris

Hafi abapolisi b'Ubufaransa 3000 ni bo bategetswe kumuhiga, nkuko igipolisi cabishikirije itororokanirizo ry'amakuru AFP.

"Turiko turakora ibishoboka vyose ngo tumenye aho uwo muntu yatorotse yoba ari," niko umushikiranganji w'intwaro yo hagati yavuze.

'Uguhunga gusiga ubwenge'

Umushikiranganji w'ubutungane Nicole Belloubet, yagiye kw'ibohero rya Sud-Francilien mu gace ka Réau ku wa Mungu ku mugoroba, yavuze ko iryo "toroka risiga ubwenge".

"Wari umugwi witeguye neza nk'aba komando ubona ko umengo wakoresheje uburyo bwa "drone" imbere kurangura ico gikogwa," niko yavuze.

Nta muntu yakomeretse igihe co guhunga, cabaye 11:20 (09:20 GMT) ku munsi wa Mungu.

Uwo mudereva w'indege yari yanyurujwe yararekuwe, munyuma ajanwa ku bitaro yahahamutse.

Abafashije Faid guhunga banyururije uwo mwigisha wo gutwara indege ku kigo cavyo ca Fontenay-Trésigny, aho yari arindiriye umunyeshule, baca bamutegeka kuja kw'ibohero.

Image caption Ikarata yerekana ibibanza vyakoreshejwe mu guhunga

Ubwa mbere Faid yavuye muri kajugujugu aja mu modoka yo mu bwoko bwa Renault Megane yafashe ibarabara A1.

Iyo modoka yatowe yaturiwe mu kibanza gihagarikwamwo imdoka mu gace kagwiriyemwo amaduka ahitwa Aulnay-sous-Bois, ikaritiye iri ku nkengera z'igisagara ca Paris.

Ku munsi wa Mungu ku mugoroba, vyavugwa ko uwo mugabo yahinduye imodoka afata imodoka yera imeze nk'aka bisi.

Iyo nkoziyikibi yafatiye akarorero ku masinema ya Hollywood

Faid yavutse mu 1972, mu gace kagoye ko mu gisagara ca Paris.

Mu 1990s, yari arongoye umugwi w'ibisuma vyiba, bikambura abantu ku mugwa mukuru.

Avuga ko ukuntu abayeho abikura ku vyo yabonye mu masinema ya Hollywood na cane cane iyitwa "Heat".

Faid avuga ko yaravye iyo sinema yatumye aba umuhinga mu vy'ubusuma bw'amabanki incuro nyinshi.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Igipolisi gisuzuma imodoka yirabura Redoine Faid yarimwo mu gace kagwiriyemwo amaduka

Ingene yagiye arapfungwa

Ugupfungwa no guhunga kwa Faid vyatanguye igihe afatwa mu 1998 afise imitahe myinshi ijanye n'ubusuma yitwaje inkoho no kwiba mu mabanki.

  • Mu 2009 yarekuwe kubera ivyo yarashikirije, arahira ko yahindutse - ariko mu 2011, arenga ivyatumye apfungugwa, asubira mu mvuto.
  • Mu 2017, Faid yakatiwe igipfungo c'imyaka 10 yagirizwa gutoroka ibohero rya Séquedin mu karere ka Lille mu 2013. Yakatiwe kandi igipfungo c'imyaka 18 mu kuba mu bateguye igitero c'ubusuma mu 2010, cahitanye umupolisi w'umugore Aurélie Fouquet.
  • Faid yarunguruje urubanza ntiyeregwa, munyuma mu kwezi kwa kane kwo mu 2018 akatigwa igipfungo c'imyaka 25 ku bijanye n'ubusuma, akaba yari muri ico gihano igihe ahunga.

Ibindi bisa n’ibi