Macron asaba Afrika kuja imbere mu kibazo c'abimukira

Macron i Lagos Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Macron yemeye ko Uburaya bwategerezwa kuba bwakoranye kuva kera na Afrika ku kibazo c'abimukira.

Perezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron yabwiye BBC ko umugambi w'ibihugu vy'Ubumwe bwa Bulaya wo gushira mu buraruko bwa Afrika ibibanza vyo gusuzumiramwo abimukira udashobora gukora kiretse ivyo bihugu nyene vyo mu buraruko bwa Afrika arivyo biwugiye imbere.

Mu rugendo yagize mu muji wa Lagos muri Nigeria, Perezida Macron yongeye kumenyesha ko Ubufaransa bwiyemeje gufasha ibihugu vya Afrika mu kibazo c'umutekano n'ico abimukira, ariko ngo uruhara nya mukuru ruzoturuka mu bihugu vya Afrika ubwa vyo.

Perezida Macron yemeye ko Uburaya bwategerezwa kuba bwakoranye kuva kera na Afrika ku kibazo c'abarondera kuja kuronderera ubuzima i Bulaya.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Perezida Macron yavuze ko Ubulaya buzocungera urubibe rwabwo rwo hanze

Avuga ko gukorana n'ibihugu vya Afrika bizokenerwa cane kugira hatorwe inyishu ku kibazo c'abimukira birirwa barapfa bari mu nzira yo kuja i Bulaya.

Mu kwezi guheze ishirahamwe rya Bulaya ryafashe ingingo yo gushinga ibigo vyo kwakira no kwiga ama dossiers y'abimukira mu buraruko bwa Afrika.

Perezida Macron avuga ko hari ibihugu vyinshi vya Afrika vyari vyagize amakenga ko ico gishobora kuba imbarutso yo gukwegakwega abandi benshi hamwe ivyo bigo vyotangura gukora.

Bishobora gukora hamwe ama leta amwe amwe yo muri Afrika yobijamwo akabitunganya.

Ariko gushika ubu nta gihugu co muri Africa kiremera kwakira ivyo bigo.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abimukira batabawe n'ubwato Aquarius bari bamaze indwi yose mu kiyaga Mediterranee.

Perezida Macron yavuze ko Ubulaya buzocungera urubibe rwabwo rwo hanze mu gihe habandanya no gukorana n'abandi n'abo basanzwe bakorana kugira igihugu ca Libya gitekane kibuze abazana abimukira mu kinyegero kubafatisha ingendo zishobora guhitana ubuzima bwabo mu kujabuka ikiyaga Mediterranee.

Ariko na cane cane, uwo mukuru w'Ubufaransa avuga ko ikibazo c'abashaka kuja kuronderera ubuzima ahandi gihagaze kw'igwirirana ry'abantu ridategurwa neza ku mugabane wa Afrika.

Kubona ibintu gutyo vyamuzaniye kunegurwa cane na muri kahise bamwe bamwagiriza kugarukana imvugo yo gihe c'ubukoloni.

Ubutumwa bwiwe bw'uko hakwubahirizwa ubwigenge bw'ibihugu vya Afrika mu rugendo yagize muri Nigeria ishobora kuba ariyo nyishu kuri ivyo bineguro.