Imihana yose mu Burundi yatanguye gutozwa intererano y'amatora

Umuhana wose usabwa 2000 ku mwaka
Image caption Umuhana wose usabwa 2000 ku mwaka

Uno musi niho ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu bwatanguje isekeza ryo gutangisha intererano y'amatora ya 2020 ku mihana yo mu gihugu cose hamwe n'urwaruka rugeze gutora.

Ryatangurijwe mu nama yahuje abasitanteri n'ababuramatari, yabereye muri zone ya Gatumba intara ya Bujumbura.

Nk'uko vyashikirijwe muri iyo nama imihana isabwa guterera mu Burundi bwose iharurwa mu miliyoni zibiri n'ibihumbi 150, umuhana wose usabwa 2000 vy'amafaranga y'amarundi ku mwaka.

Urwaruka rugeze gutora ni umuliyoni, bagasabwa amafaranga 1000 c'amarundi ku mwaka ku muntu umwe.

Nestor Bimenyimana ari mu mugwi ushinzwe kwegeranya intererano niwe yashikirije udutabo bazorihirako.

Yagize ati: "Udutabo canke udu carnets tw'amafaranga ibihumbi bibiri bibiri tugiye gutangwa tugera ku bihumbi 43.

"Utw'igihumbi gihumbi natwo ni ibihumbi 20, kamwe kose gafise impapuro 50. Nukuvuga ko agatabo karihirwako ibihumbi bibiri bibiri kazovamwo ibihumbi ijana".

Amakenga...

Ba buramatari na ba musitanteri bashikirije amakenga, buramatari w'intara ya Makamba, Gad Niyukuri, akaba ari umwe muri bo.

Yagize ati: "None ko abakozi ba reta basanzwe bakatwa amafaranga y'intererano ku mushahara buri kwezi, nitwashika ku mihana yabo bakavuga ko bariha tuzobigenza gute?"

Kuri iyo myitwarariko, Therence Ntahiraja, umwunganirizi w'umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu yatanze inyishu ati: "Aya ni amafaranga yo ku ngo.

"Nuguharura ingo zose ata na rumwe ruvuyemwo. Twinjiye mu vyo gusobanura vyohava bigorana".

Image caption Isekeza ryatangurijwe mu nama yahuje abasitanteri n'ababuramatari, yabereye muri zone ya Gatumba intara ya Bujumbura

Ntahiraja avuga ko isekeza ritanguye ubu mu kw'indwi kubera ari ho abanyagihugu bariko barimbura ivy'impeshi.

Kuva mu ntango z'uwu mwaka intererano yahora itangwa n'abakozi ba reta, amashirahamwe n'inganda gusa.

Mu ntango z'ukwezi kwa 6, ubushikiranganji bw'ikigega ca reta bwatangaje ko bwari bumaze kwegeranya imiriyaridi 17 mu gihe hakenewe izigera ku 70.

Ibindi bisa n’ibi