Hafi 40 bahitanywe n'imyuzure hamwe n'ibihomoka mu Buyapani

Imyuzure n'ibihomoke vyahitanye abantu benshi mu Buyapani
Image caption Imyuzure n'ibihomoke vyahitanye abantu benshi mu Buyapani

Abantu hafi 40 bahitanywe n'imyuzure hamwe n'ibihomoka, abandi mirongo babugwa irengero, mu duce two mu burengero bw'Ubuyapani.

Benshi mu bapfuye bari mu ntara ya Hiroshima, iriko igwamwo imvura y'isegenya kuva ku munsi wa kane.

Inzu nyinshi zasambutse, abantu 1 500 000 bakaba bategetswe kuva mu mazu, munyuma n'abandi imiliyoni zitatu bahanugwa kugira ukwo.

Ibihumbi vy'abapolisi, abazimyamuriro hamwe n'abasirikare bari mu bikorwa vy'ubutabazi.

Bamwe mu bapfuye baguweko n'ibihomoka, nkuko ikinyamakuru Kyodo co mu Buyapani canditse kivuga.

Mu gisagara ca Motoyama, hafi ibirometero 600 uvuye ku mugwa mukuru Tokyo, haguye imvura ya 583mm (23in) hagati yo kuwa gatanu mu gitondo no kuwa gatandatu mu gitondo, nkuko ikigo c'igihugu gikurikirana ivy'ihindagurika ry'ibihe kivuga.

Hari imvura nyinshi yitezwe mu minsi mike.

Kyoto iri ku birometero 300 mu buseruko bwa Hiroshima, naho nyene haguye imvura nyinshi.

Umunyagihugu aba muri ako gace Manabu Takeshita yabwiye ikinyamakuru Japan Times ati: "Uwo wese aba ku nkengera y'uruzi agiye kubura ayo acira n'ayo amira, kuko igihe c'umuyaga wa "typhon" gitanguye."

Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Hitezwe iyindi mvura nyinshi mu minsi mike iri imbere mu burengero bw'Ubuyapani

Ibindi bisa n’ibi