Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia ari mu rugendo muri Eritrea

Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Abiy Ahmed (i bubamfu) yagiye kubonana na Prezida wa Eritrea Isaias Afewerki Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Abiy Ahmed (i bubamfu) yagiye kubonana na Prezida wa Eritrea Isaias Afewerki

Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia, Abiy Ahmed yatanguye urugendo mu gihugu ca Eritrea, inyuma yaho ivyo bihugu vyemeye kurangiza indyane z'imbibe zimaze imyaka mirongo.

Yasanganiwe na Prezida Isayas Afewerki ku kibuga c'indege ca Asmara.

Abo bategetsi bose bavuze ko urwo rugendo ruzoja mu mateka y'ivyo bihugu bibiri, rukaba rukurikiye urundi intumwa za Eritrea zaherukamwo i Addis Ababa.

Mu kwezi guheze Bwana Abiy yaremeye ivyahanuwe n'umugwi wakurikirana ico kibazo c'imbibe, aho wasavye ko agace kari mu mpari ko kwegukira Eritrea.

Runo rugendo rubaye nk'ugusubiriza mu ndumane igihugu ca Eritrea, intumwa z'ico gihugu zikaba zahora mu rugendo i Addis Ababa mu minsi iheze.

Intumwa za Eritrea zigizwe n'umushikiranganji w'imigenderanire n'amakungu Osman Saleh hamwe n'umuhanuzi wa Prezida Yamane Gebreab, bose bakaba batewe iteka ryo gusasigwa umukeka utukura igihe indege ya Arab Emirates yatura ku kibuga mpuzamakungu ca Bole.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Abiy Ahmed (i bubamfu) ari kumwe n'umushikiranganji w'imigenderanire wa Eritrea, Osman Saleh Mohammed

Bakiranywe igishika n'umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Abiy Ahmed.

Abarongoye amadini, abari mu gisata c'utugenegene, abakozi bakuru bo muri leta bose niho bari bari.

Umuzo w'izo ntumwa muri Ethiopia biri mu vyo Prezida wa Eritrea Isaias Afeworki yari yemeye igihe co kwibuka abamaratiri mu gihugu.

Urunani rusangiye ubutegetsi muri Ethiopia ruherutse gufata ingingo yo gushira mu ngiro amasezerano yapfundikiwe i Alger mu ntumbero yo kurangiza amatati y'imbibe no kuzana amahoro hagati y'ivyo bihugu bibiri.

Inyuma y'ingwano y'imyaka ibiri, yahitanye abantu barenga ibihumbi 100 impande zose, umuryango mpuzamakungu Onu wemeje ko akarere kari mu matati kegukira igihugu ca Eritrea.

Ibindi bisa n’ibi