Ihiganwa rya Miss Burundi ryerekana umukobwa arusha abandi ubwiza n'ubukerebutsi rishobora kutazoba uno mwaka

Abari guhiganwa muri Miss Burundi 2018 Uwufise ububasha kw’isanamu Miss Burundi
Image caption Abari guhiganwa muri Miss Burundi 2018 bavuga ko babwiwe ibinyoma

Ihiganwa ry'umukobwa arusha abandi ubwiza n'ubukerebutsi, Miss Burundi 2018, ntirikibaye kw'isango ryari ritegekanijwe inyuma yaho komite ijejwe kuritegura itangiye imihoho.

Abigeme 16 bohiganywe, nabo nyene baciye batanga imihoho muri iryo higanwa.

Bose bagiriza indongozi z'ishirahamwe Burundi Events ryahawe uruhusha rwo gutegura iryo higanwa ko ridafise ubushobozi bukwiye bwo gutunganya neza ico gikorwa.

Nk'uko bimenyeshwa na André Hakizimana avugira komite iherutse gutanga imihoho, imvo nyamukuru yatumye bakura meza ngo ni uko indongozi za Burundi Events zidaha akaranga k'u Burundi ikibanza gakwiye.

Uwufise ububasha kw’isanamu BBBC
Image caption André Hakizimana yari muri komite itegura iryo higanwa

Yagize ati: "Nta muntu ashobora gusiga inyuma akaranga k'igihugu mw'ihiganwa nk'iri kandi rijejwe guteza imbere ako karanga nyene.

"Ibaze nawe nk'umuntu tubwira duti ibikorwa vyugururwe n'umurisho w'ingoma agaca akubwira ngo ivyo ntibikenewe!

"Urumva yuko ata na kimwe atahura mu bijanye n'akaranga k'u Burundi. Ntakwiye gushirwa imbere".

Ishirahamwe Burundi Events rihanzwe kandi n'ikibazo c'uburyo, mu gihe hari hasigaye imisi 10 gusa kugira ihiganwa ribe, ku mafaranga agera ku miliyoni 67 akenewe, hari hamaze kuboneka ibice 20 kw'ijana gusa.

Komite yatanze imihoho ivuga ko itahawe n'uburyo bukwiye bwo gutegura ico gikorwa.

Image caption Dative Uwimana yari mu bari kuja mw'ihiganwa rya Miss-Burundi

Dative Uwimana avugira abakobwa bari kugira uruhara muri iryo higanwa rya Miss Burundi 2018 yabwiye BBC uko ibintu vyifashe.

Yagize ati: "Twabivuyemwo kubera twabonye ko hari agahaze, ndetse twarabonye ko harimwo n'ibinyoma.

"Ibaze namwe nk'imodoka yohawe umukobwa azoba uwa mbere imaze imisi itembera mu gisagara. Ivyo mwumva vyumvikana?

"Bari batwemereye kutwugururiza ama konte mw'ibanki ariko ivyo vyose ntivyari bwabe kandi hasigaye indwi zibiri.

"Hari na Parcelle bari batwemereye, ivyo vyose ntavyo bigeze berekana. Hari n'ibindi vyinshi twagumye twihanganira."

Uwufise ububasha kw’isanamu Miss Burundi
Image caption Ihiganwa Miss Burundi 2018 ryabaye ririgizwa inyuma

Uwurongoye ishirahamwe Burundi Event yabwiye BBC ko atari hafi, ariko mw'itangazo yasohoye avuga ko iryo higanwa ribaye rirabangira ngo kubera muri iyi misi hari ibibazo bitaratora inyishu.

Muri vyo avugamwo ibijanye n'ubukene bw'uburyo, ariko ntatanga irindi sango ihiganwa rizoberako. Mu bushikiranganji bw'imico kama bamenyesha ko hataragera ko bagira ico bashikirije.

Ibindi bisa n’ibi