Abandi bahungu bane bakuwe mw'isenga muri Thailand

Abajejwe igikorwa co gutabara bavuga ko batanu basigaye bazokurwayo ejo kuwa kabiri Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abajejwe igikorwa co gutabara bavuga ko batanu basigaye bazokurwayo ejo kuwa kabiri

Igikorwa kitoroshe muri Thailand co gutabara abana b'abakinyi b'umupira w'amaguru baheze mw'isenga kubera imyuzure, cahagaritswe ku munsi waco ugira kabiri, hatabarwa abandi bahungu 4.

Ico gikorwa kibera mw'isenga rya Tham Luang gihanzwe amaso n'isi yose, yagiye irakurikirana ivy'abo bana n'umumenyereza waho kuva bagiherayo.

Abahungu batabawe uno munsi bakuwe muri iryo senga bari ku nderuzo, baca bajanwa ku bitaro biri hafi mu muji wa Chiang Rai.

Uwurongoye iki gikorwa c'ubutabazi yavuzeko abahinga mu kwogwa bibiye, bazokurayo abantu batanu basigaye ejo ku wa kabiri.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Inkuru y'aba bana baheze mw'isenga ikurikiranwa n'isi yose

Yavuze ko amagara y'abo bahungu bane n'umumenyereza waho acifashe neza.

Umugwi wa mbere, wakuweyo ejo kuwa Mungu, washizwe ahantu hiherereye kwa muganga.

Abo bana gushika ubu ntibaremererwa gusubira kubonana n'abavyeyi babo.

Ibindi bisa n’ibi