Abapolisi bo mu Buhinde basabwe guhitamwo kugabanya ibiro canke kwirukanwa ku kazi

Abapolisi bo mu Buhinde basabwe guhitamwo kugabanya ibiro canke kwirukanwa ku kazi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abapolisi bo mu Buhinde basabwe guhitamwo kugabanya ibiro canke kwirukanwa ku kazi

Igipolisi co mu Buhinde categetse abakozi baco bose kugabanya ibiro atari ivyo na ho bakirukanwa ku kazi.

Umukuru w'igipolisi mu ntara ya Karnataka yabwiye BBC ko afise amakenga kw'iyongerekana ry'abapolisi bafise inda zinini.

Bhaskar Rao yavuze ko yafashe iyo ngingo inyuma y'aho abapolisi barenga ijana baburiye ubuzima bwabo mu kiringo c'imyaka 18 iheze bivuye ku ngwara zijanye n'uko abantu babayeho.

Abo bapolisi bazofashwa mu guhindura uko basanzwe babayeho no guhindura ibifungurwa.

Igisata c'igipolisi muri iyo ntara gifise abapolisi 14.000 bashinzwe gucungera umutekano iyo habaye ibintu bikomakomeye no gucungera imyiyerekano hamwe no kugwanya imidurumbanyo.

Abapolisi bakuru mu gisata ca KSRP barahawe amategeko yo kugenzura abapolisi bavyibushe cane no kubashira mu mugambi wo gukora imyimenyerezo yo kwinonora imitsi kugira bagabanye ubwo buvyibuhe.

Rao yongeyeko ko"Twaratanguye akazi ko gukurikirana urugero rw'igipimo c'isukari hamwe n'ibindi mu mezi atandatu aheze. Iyo ngingo nshasha yo guhagarikwa ku kazi n'iyo kugabisha abatitaho ubuzima bwabo."

Ntibisanzwe kubona abapolisi muri ico gihugu bariko barakora imyimenyerezo yo kwinonora kubera ingorane yo kuvyibuha.

Rao yavuze ati:" Mu kiringo c'amezi 18 iheze, abapolisi 153 barabuze ubuzima, muri bo 24 bapfuye kubera impanuka z'imodoka, abandi 9 bariyahuye. Abandi bapfuye bazize ingwara zivuye uko babayeho nk'ingwara z'umutima n'igisukari. Iki n'ikintu gikomeye ku gipolisi."

Yongeyeko ko abo bapolisi bafungura cane indya zikaranze, banywa itabi n'inzoga kandi batagira imyimenyerezo.

Imyimenyerezo yo kwoga, Yoga n'izindi nkino vyaratanguye gutangwa ku bapolisi.

Rao yasiguye ko "Ivyo vyigwa vyatanguye gutangwa inyuma yo gukora ibipimo, kandi ivyo vyigwa bizotangwa hitaweho impanuro z'abaganga."

Ibindi bisa n’ibi