Umunyatanzaniya ari mu bafashije gukora indege Dreamliner

Indege yo mu bwoko bwa Dreamliner iri mu mugwi w'izindi zine ubutegetsi bwa Tanzaniya buherutse kugura Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Indege yo mu bwoko bwa Dreamliner iri mu mugwi w'izindi zine ubutegetsi bwa Tanzaniya buherutse kugura

Umunyatanzaniya George Jonas, ari mu bahinga bagiye hamwe mu gukora indege yo mu bwoko bwa Boeing 787-8 Dreamliner, igihugu ca Tanzaniya giherutse kuronka.

Igihe iyo ndege itura ku kibuga mpuzamakungu citiriwe Julius Nyerere, ni bake bari gushobora kwiyumvira ko mu bayikoze harimwo umunyatanzaniya.

Ukuri ni ukwo George Jonas aturuka mu ntara ya Mbeya, ari mu mugwi w'abahinga bafashije gukora iyo ndege yo mu bwoko bwa Boeing 787-8 ifise intebe 262.

Uwo muhungu w'imyaka 41 avyagwa na Bwana hamwe na Madamu Labani Mwanjisya b'i Mbeya babwiye ikinyamakuru The Citizen co muri Tanzaniya ko yafashije gukora iyo ndege kuva mu 2015 akora mw'ihinguriro Boeing.

George Jonas ni nde?

George Jonas yize ishuli ry'intango rya Ubungo' NHC Primary School.

"Hari hagati y'i 1985 n'i 1991," niko yavuze.

Yongera ko amaze guheze amashuli y'intango yaciye aja mu mashuli yisumbuye ahitwa Azania Secondary School i Dar es Salaam.

Munyuma ngo yahavuye aja mw'ishuli ryisumbuye ryo hejuru ahitwa Ilboru High School i Arusha aho yaciye abandanya yiga gusa ivyigwa vya "Physique", "Chimie" na "Mathématiques".

Kuri iryo shuli niho yagiriye amahigwe yo gutogwa, haje abanyamerika barondera umunyatanzaniya yoja gukora muri Amerika ku kiringo c'amezi atatu, abona kujayo.

Amaze kugera muri Amerika yaciye yigayo ishuli kaminuza ahitwa Wichita State University aho yarangije mu bisata vya "électricité" na "électronique".

Munyuma yagiye gukora vy'agateganyo muri Canada mu kigo Wichita Bombardier Learjet Business Aircraft, imbere yuko abona itangazo ku rubuga ngurukanabumenyi ryatumye aja gukora mu kigo Boeing.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Indege Boeing 787-8 Dreamliner ishobora kugenda ibirometero 13620 ingunga imwe

Indege Boeing 787-8 Dreamliner iteye gute?

Iyo ndege yaje iva ku kibuga c'indege ca Paine mu gisagara ca Seattle, i Washington, igira urugendo rw'amasaha 22.

Boeing 787-8 Dreamliner ni indege igezweko y'imoteri Trent 1000 TEN, ikagurishwa imiliyoni $224.6.

Ikoresha ibitoro bike uyigereranije n'izindi ndege kandi ikanyaruka.

Iyo ndege y'imetero 57 z'uburebure ishobora kugira urugendo rw'ibirometero 13620 ingunga imwe.

Ibindi bisa n’ibi