N’Golo Kante, umukinyi akomeye w'Ubufaransa ariko atavugwa

N'Golo Kante ari mu bakinyi bafashije Ubufaransa gushika mu rukino rwa nyuma rw'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption N'Golo Kante ari mu bakinyi bafashije Ubufaransa gushika mu rukino rwa nyuma rw'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose

Iyo hageze kurondera abakinyi beza, abakunzi b'umupira hamwe n'abafata mu mugongo imigwi, bahitamwo abakinyi b'imbere nka Kylian Mbappe, ariko mwomenya ko iyo udafise inyuma hakomeye ko bitoroshe gutsinda.

Inyuma y'intsinzi y'Ubufaransa ku Bubiligi kuri 1-0, amakuru avugwa ku bijanye n'igikombe c'isi yose ni uko umukinyi Kylian Mbappe ariwe ariko akora amaroregwa.

Naho ariwe yari umukinyi w'umunsi igihe Ubufaransa buhura na Argentine, Mbappe siwe mukinyi ahagarariye vyukuri umugwi w'Ubufaransa.

Abakinyi bakunze kwitwa "Les Bleus" barafise umukinyi wo hagati, N’Golo Kanté avuga make kandi ari nawe umugwi ugenderako.

Uwo mukinyi ntaruha, arakomeye kandi agakina neza mu buryo umumenyereza Didier Deschamp aba yipfuza.

“Ni umukinyi nkenegwa mu mugwi uravye imipira yakira inyuma n'ingene ahagarara mu kibuga. Mwarabonye ko ata kintu Lionel Messi yakoze, igihe akina natwe," yibutsa ingene Kante yafashe Messi mu rukino batsinzemwo 4-3.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Kante yarafashe Messi arabura ico akora mu rukino Ubufaransa bwatsinze Argentine 4-3

Ikinyamakuru L’Equipe cavuze mu mpera z'indwi iheze ko abakunzi b'umugwi"bari bakwiye kwikomera amashi iminsi yose mu kuba bafise uwo mukinyi".

Gutegera akamaro k'umukinyi nka Kante biroroshe: iyo ufise abakinyi b'imbere bakine neza, birakenegwa ko haba umuntu aguma ameze magabo, abaha umupira.

Mu mugwi w'Ubufaransa, Kante ategerezwa kugerageza ngo Mbappe yidegemvye igihe umugwi ufise umupira.

Aguma acunze inyuma, abandi bakaja kurondera ibitsindo.

Uwo mukinyi wo hagati wo mu mugwi Chelsea, ni umuhinga mu kwiba umupira abo bahura.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Inguvu za Kante ziramufasha kwaka umupira abakinyi bakomeye

Umukinyi wo hagati w'Uburusiya Roman Zobin niwe amaze kwiruka ibirometero birenga 62.7 Kante amaze kugerako mu rukino rumwe.

Uwo mukinyi apima 1,68 m mu burebure, ariko akora incuro zibiri ukwo areha ari mu kibuga.

“NG ari hose. Nkeka afise amahaha 15," niko uwo bakinana Paul Pogba yavuze bahejeje gutsinda Pérou.

Ingene Kante akina nta numwe bitangaza mu bakunzi b'umupira mu Bwongereza no mu binyamakuru.

Ivyo ni vyo vyatumye umugwi Leicester City utwara igikombe ca Premier League mu 2016.

Yavuye muri Leicester, aja muri Chelsea aca afasha gutwara igikombe uwo mwaka.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Kante yatwaye igikombe ca Premier league akina muri Leicester mu 2015-16, yongera kugitwara ari muri Chelsea umwaka ukurikira

Yaronse agashimwe k'umukinyi wa mbere mwiza w'umwaka ahawe n'ishirahamwe ry'abagize umupira w'amaguru umwuga, PFA - aba abaye uwa mbere agatsindiye inyuma ya Roy Keane mu 2000.

Mu gihe ivyo akora ku kibuga bitangaza benshi, Kante nta kahise keza afise.

Yavukiye mu ma karitiye akenye yo ku nkengera za Paris, abavyeyi biwe bakaba ari abimukira bava mu gihugu ca Mali, cahora ku bukoroni bw'Ubufaransa.

Kante yari yarankiwe mu mashuli y'umupira w'amaguru y'abakiri bato kubera ubugufi bwiwe, ariko mu myaka itandatu irangiye, yarashoboye kunyegezwa yinjira mu mahiganwa yo mu muce wa gatatu (troisième division), mu mugwi U.S. Boulogne.

Umugwi Leicester City w'abakiri bato nibo batoye Kante, bamusanze mu mugwi Caen mu 2015.

Kante ari mw'idini rya Islamu, akaba yicisha bugufi ugereranije n'abandi bakinyi.

Aho abo bari kumwe mu mugwi Chelsea bagendesha imiduga ya "Sport", Kante we afise aka Mini Cooper.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Kante agendesha Mini Cooper nka mweniyi

Mu gihe Ubufaransa bworamuka butwaye igikombe c'isi, Kante ashobora kuja mu bahiganigwa "Ballon d'Or".

Naho bidashimishije, ntashobora gutsindira ako gashimwe bitewe nuko baba abakunzi b'umupira w'amaguru, baba abafata mu mugongo imigwi bakunze gushira imbere abinjiza ibitsindo canke abakinyi b'imbere, niko bigenda no ku bijanye n'utwo dushimwe.

Kuva mu 1966, igihe umukinyi w'inyuma w'Ubwongereza Bobby Moore atowe ka mukinyi wa mbere mwiza mw'iryo higanwa, ikindi gihe umukinyi w'imbere atatwaye ako gashimwe ni mu 2002, igihe gahabwa umunyezamu w'Ubudagi Oliver Kahn.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Uwo mukinyi wo hagati ni kirumara ku bijanye n'ingene umumenyereza Deschamp akinisha

Nta higanwa na rimwe ry'igikombe c'isi yose ryari bwiteho ingene N'Golo Kanté akina.