Abakozi ba Fiat bagiye kuja mu myiyerekano kubera amahera yatanzwe kuri Ronaldo

Cristiano Ronaldo yaguzwe na Juventus imiliyoni €112 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Cristiano Ronaldo yaguzwe na Juventus imiliyoni €112

Abakozi b'ihinguriro ry'imodoka zo mu bwoko Fiat bategekanya kuja mu myiyerekano inyuma yaho nyene Fiat afatiye ingingo yo gutanga imiliyoni €112 agura Cristiano Ronaldo agiye mu mugwi Juventus.

Waba umugwi w'umupira w'amaguru Juventus canke ihinguriro Fiat Chrysler ryo mu Butaliyano, bigenzugwa n'umuryango w'aba Agnelli.

Ku bw'ishirahamwe ry'abakozi, ingingo iherutse gufatwa isigura ko hari amahera y'ihinguriro Fiat agiye gusohorwa.

Rivuga ko iryo hinguriro risabwa kwitaho kazoza k'ibihumbi vy'abantu, "hagutungisha umuntu umwe".

Ishirahamwe ry'abakozi rivuga ko ata "muntu yokwemera" ko mu gihe ihinguriro Fiat Chrysler rikora utwigoro twinshi mu vy'ubutunzi, ko hoba imiliyoni z'amahera zitangwa mu kugura umukinyi.

Mu masezerano y'imyaka ine yatumye Ronaldo ava muri Real Madrid yatangajwe ku munsi wa kabiri, hari amakenga ko Juventus yatanze amahera ikirenga kuri uwo mukinyi w'imyaka 33.

Naho biri ukwo, umuhinga mu vy'ikoresha ry'amahera mu mupira w'amaguru Rob Wilson wo kuri kaminuza ya Sheffield Hallam University, avuga ko Juventus izokwungukira amahera menshi kuri Ronaldo, ashobora kugaruza ayo yaguzwe n'ayo azohembwa.

Yongeye ati: "Amahera Juventus izokwinjiza mu kumenyekanisha ibidandazwa azoba menshi cane. Ikindi nuko uwo mukinyi azokomeza umugwi mu gihugu hagati, wongere ushike no mu mahiganwa ya Champions League. Ivyo bigasigura kuronka abantu benshi bafata mu mugongo umugwi, kuronka amahera avuye mu bigo vya televiziyo n'udushimwe twinshi."

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Imipira yo kwambara ya Ronaldo yatanguye kugurishwa mu gisagara ca Juventus

Ronaldo yavukiye kw'izinga rya Madeira muri Portugal, ikivuko co kuri iryo zinga kikaba caramwitiriwe.

Ronaldo yarakiniye bishimishije umugwi Real Madrid, aho yinjirije umugwi ibitsindo 450 mu nkino 438.

Ka kapitene w'umugwi w'igihugu ca Portugal mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi co mu 2018, yinjije ibitsindo bine birimwo bitatu yinjije bakina na Espagne.

Portugal ntiyashoboye kurengana igice c'imigwi 16.

Naho ibigo Juventus na Fiat Chrysler biri mu vyashara bitandukanye, vyose bigenzugwa n'ikigo Exor c'umuryango Agnelli.

Ishirahamwe ry'abakozi ryahamagaje imyiyerekano kw'ihinguriro Melfi riri mu bumanuko bw'Ubutaliyano, rikora imodoka zo mu bwoko bwa Fiat Punto na 500X.

Ibindi bisa n’ibi