Stormy, umukobwa avuga ko yagendanye na Trump yafashwe n'igipolisi

Stormy Daniels avuga ko yagendanye na Trump Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Stormy Daniels avuga ko yagendanye na Trump

Umukobwa akina mu masinema muri Amerika Stormy Daniels yafashwe ari mu bunywero batambamwo bari gusa, i Columbus muri leta ya Ohio.

Madamu Daniels yafashwe ngo kubera ko yaretse umukiriya akamukorako ari ku ruhimbi "mu buryo budashingiye ku gitsina", nkuko uwumwunganira mu rubanza yavuze kuri Twitter.

Uwo mukobwa yashize ku mbuga hwaniro amahera yemeye gutanga kugira ngo arekugwe vy'agateganyo.

Umunyamategeko, Michael Avenatti, yavuze ko adashobora kwemera ivyo vyagiriji.

Madamu Daniels yaragize ingorane inyuma yaho avugiye ko yaryamanye na Prezida Donald Trump mu 2006, ivyo Trump akaba yarabihakanye.

Uwumwunganira mu rubanza yavuze ko ugufatwa kwiwe "kwateguwe" kandi ko "gushingiye ku mvo za politike".

Ku rupapuro rw'ivyagiriji rwarungitswe kuri Twitter n'ikinyamakuru CBS, bivugwa ko Madamu Daniels yakoze ku mupolisi yifashe nk'umugwizatunga akomeye "ahantu hashobora kumenyeshwa".

Image caption Stormy azosubira kurenguka muri sentare ku munsi wa gatanu

Inkaratasi zashizwe ku mbuga ya sentare ya Franklin County Municipal zerekana ko Madamu Daniels yemeye gutanga amadolari $6,054 kugira ngo ashobore kurekugwa, ariko akaba azosubira kurenguka ku munsi wa gatanu.

Bwana Avenatti yanditse kuri Twitter avuga ko Madamu Daniels, mu bisanzwe yitwa Stephanie Clifford, yatamba "co kimwe nk'ahandi hose yaciye mu bunywero batamba bari gusa bushika 100".

Itegeko ryo muri leta ya Ohio rizwi kw'izina "Community Defense Act" ririhanikiza uwo wese yokora ku mutamvyi ari gusa canke aja kuba gusa, kiretse bazinanye n'uwo muntu.

Madamu Daniels yavuze ko yarishwe $130000 imbere yuko amatora yo mu 2016 atangura, kugira ngo agumize mw'ibanga ko yakoranye imibonano mpuzabitsina na Bwana Trump.

Bwana Trump yamye ahakana ibijanye n'iyo mibonano, avuga ko ari ugushaka kumurtyoza.