Umukuru w'igihugu ca Uganda, Yoweri Museveni, yategetse ko abashingamateka bose bahabwa imiduga itamenwa kubera umutekano

Umukuru w'igihugu ca Uganda Yoweri Museveni yabwiye leta kuronsa abashingamateka imiduga itamenwa n'urusasu hamwe n'abasirikare ba mudahusha mu kurasa nyuma y'iyicwa ry'abategetsi bakuru.
Mw'ikete yandikiye umushikiranganji ajejwe ubutunzi, Bwana Museveni yavuze ko ubwo buryo bushasha bwo kurinda umutekano buzokwiyongera ku buhasanzwe.
Abashingamateka ba Uganda bose uko ari amajana ane, bazoronswa ubwo buryo buzokwiyongera ku guherekezwa n'abapolsi bafise inkoho nk'uko bisanzwe.
Mu kwezi guheze umushingamateka yarasiwe i Kampala nyuma y'ubundi bwicanyi, bitamenyekanye ababukoze, bw'umushinjacaha wa leta hamwe n'umukuru w'igipolisi.
Ariko amwe mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, yavuze ko ubwo buryo bushasha bwo kurinda umutekano ari ukwonona amahera ya leta yari asanzwe atari menshi.
Ushobora gusoma kandi: