Ihayanishwa ry'ibihingurirwa mu Burundi, "Made in Burundi", nyuma y'indwi zibiri ngo ntirigenda neza nk'uko abaryitavye babiziga

Ibikoresho bitandkanye bikozwe mw'ibumba biri mw'ihayanishwa
Insiguro y'isanamu,

Abitavye iri hayanisha bavuga ko abakiriya bataje nk'uko babiziga

Mu Burundi haciye indwi zibiri hariko haraba ihayanishwa ry'ibidandazwa bitandukanye bikorerwa muri ico gihugu ryatunganijwe n'ubushikiranganji bw'ubudandaji.

Mu gihe hasigaye imisi ibiri ngo rirangire, bamwe mu badandaza bavuga ko bahagiriye uruhombo kubera abaguzi ari bake cane ugereranije no mu mwaka uheze.

Kamikazi Pélagie aturuka mu bwoko bw'Abatwa akaba kandi adandaza ibintu bitandukanye nk'inkoko, ibiseke eka n'amasafuriye akozwe mw'ibumba, avuga ko ibintu uyu mwaka bitifashe neza.

Yagize ati: "Abantu baraza bakaraba gusa bagaca bigira ntibagura. Aha ntivyoroshe namba."

N'abava mu ntara za ruguru bavuga ko bimeze nabi. Nyandwi aturuka mu ntara ya Cibitoke yagize ati: "Nazanye ibintu bitandukanye harimwo inanasi, ibitunguru n'ibindi.

"Hari bimwe biza bimaze no kudupfana. Twatanguye no gukorora amabeyi. Tugishika inanasi twagurisha igihumbi ubu tuyigurisha 500."

Yongeyeko ati: "Mu mwaka uheze vyaragendeka kuko hoho twararonse amafaranga yo gusubira inyuma ariko ubu nta kigenda."

Insiguro y'isanamu,

Kamikazi Pélagie aturuka mu bwoko bw'Abatwa, adandaza ibintu bitandukanye nk'inkoko n'ibindi bikoze mw'ibumba

Muri kino kibanza hibonekeza ibidandazwa bitandukanye harimwo n'ivyimburwa nk'ibiyoba, imboga, inanasi, ubuyi, ibiharage, ibizinu, ndetse mbere n'abakora ubwoko bw'imiti kama butandukanye ntibatanzwe.

Bamwe mu badandaza bahavuye bafata ingingo yo gusubira iwabo mu ntara za ruguru batarangije ikiringo gitegekanijwe.

Iri hayanishwa ryari rimaze indwi zibiri rizorangira kuri uyu w'Imana.

Ayandi masanamu ya bimwe mu bihayandishwa

Insiguro y'isanamu,

Ibiseke bikorewe mu Burundi biri mu bihayanishwa

Insiguro y'isanamu,

Impuzu z'ibitenge zihinguriwe mu Burundi

Insiguro y'isanamu,

Ivyimburwa navyo biri mu vyaje guhayanishwa

Insiguro y'isanamu,

Ibirato vya sandale vyahinguriwe mu Burundi navyo birahayanishwa