Ababa mu kigwati ca Innaarsuit bimuwe bava ahegereye ikibuye kinini c'urubura

Ikibuye kinini c'urubura kirageramiye ikigwati ca Innaarsuit mu karere ka Greenland Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters

Ikibuye kinini c'urubura kiri mu mazi cegereye cane ikigwati kimwe co mu burengero bwa Greenland gituma haba ubwoba mu banyagihugu bahaba mu gihe comeneka amazi yaco gatuma haba imyuzure.

Ico kibuye c'urubura kirarusha uburebure inzu muri ico kigwati nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vyo muri ako karere.

Abategetsi bo muri ako karere bavuga ko batari bwigere babona ikibuye nk'ico c'urubura kingana gutyo.

Mu gihe co muci giheze, abantu bane barapfuye bazize imikuba yatumye haba umwuzure usenyura inzu nyinshi mu buraruko bushira uburengero mu karere ka Greenland, bivuye kuri ca nyamugigima.

Abanyagihugu 169 baba hagufi y'ico kibuye c'urubura bamaze gukurwa muri ako gace nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru ca Denmark Ritzau.

Susanne Eliassen ari mu barongoye ico kigwati yabwiye ikinyamakuru co muri ako karere ka Sermitsiaq ati:"Hari ubwoba ko ico kibuye c'urubura gishobora gumeneka.

Yongeyeko ati:"Ikompanyi y'amatara hamwe n'ibigega vy'igitoro vyo muri ico kigwati vyegereye cane aho abantu baba."

Bamwe mu bahinga baragabishije ko hazoba ibibuye vyinshi vy'urubura kubera ihindagurika ry'ikirere, ibintu bishobora gutuma haba ibihuhusi n'umwuzure.

Mu kwezi kwa gatandatu, abahinga bo kuri kaminuza ya New York barerekanye video y'ikibuye kinini c'urubura cariko kirameneka mu buseruko bwa Greenland.

Ibindi bisa n’ibi