Prezida Magufuli yasavye ko abanyororo bakoreshwa akazi ijoro n'umutaga abanebwe na bo bakubitwe

Rais John Pombe Magufuli wa Tanzania Uwufise ububasha kw’isanamu Picha/ Ikulu ya Tanzania

Prezida wa Tanzania John Pombe Magufuli yavuze ko abanyororo bategerezwa gukoreshwa ijoro n'umutaga kandi ko abanebwe muri bo bakwiye 'gukubitwa ibinyate'

Ivyo prezida Magufuli yabivuze igihe yariko arashikiriza umukuru mushasha ajejwe amabohero mu gihugu ca Tanzania.

Yavuze ko ari ibiterasoni ku gihugu ca Tanzania kuguma barekura abanyororo kandi ko bategerezwa kuza bararima ivyo barya.

Avuga ko ukudakora akazi ku banyororo vyatumye haduka abantu bakundana basangiye igitsina no gukoresha ibiyovyabwenge mu mabohero.

Magufuli agabisha ko Tanzaniya atari icibare baragiriramwo

Tanzaniya: Magufuli yategetse ko hubakwa uruhome rukingira "Tanzanite"

Yateye akamo kandi ngo abapfasoni n'abagabo ntibabe bakija kuraba abagabo canke abagore babo mw'ibohero.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu baranebagura uwo mutegetsi kuko atihanganira abo batavuga rumwe, abakundana basangiye igitsina hamwe n'iyindi migwi itandukanye.

Ibindi bisa n’ibi