Uwahoze ari umukuru w'igiuhugu wa Amerika, Barack Obama, ari mu rungendo muri Kenya, igihugu yamukamwo

Igihe prezida Obama yagendera Kenya Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images/AFP

Uwahoze ari umukuru w'igihgu wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, ari mu rugendo muri Kenya kuva ejo kuwa Mungu, aho vyitezwe ko yuguruza ikigo c'inkino.

Obama n'abo bari kumwe muri urwo rugendo baritaba ibirori vyo kwugurira ishirahamwe ritegamiye reta rya, Sauti Kuu, rifise intumbero yo gufasha urwaruka ryatangujwe na mushikiwe Auma Obama mu karere ka Kogelo, intara ya Siaya.

Imbere yo kuja Kogelo, Obama n'umuryango wiwe bagendera umukuru w'igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta, bongera banabonana n'umukuru w'abatavuga rumwe na reta Raila Odinga.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters

Urugendo rwa Obama rwagizwe ibanga kubera impamvu z'umutekano n'aho vyari vyitezwe ko uwo mutegetsi ashika muri Kenya ku musi w'Imana ku mugoroba.

Buzoba bubaye ubwa kane Obama agendeye Kenya, igihugu se yapvukiyemwo kandi afisemwo umuryango munini.

Se wiwe yavukiye mu karere ka Kogelo kari mu ntara ya Siaya mu burengero bwa Kenya.

Abategura uwo munsi mukuru wo kugurura icese ibikorwa vy'iryo shirahamwe bavuga ko babuze ikibanza gikwiye ku buryo abantu benshi badashobora kuvyitabira.

Bavuga bati: "Kubera ikibanza gito, ivyo birori bizitabwa n'abantu bake kandi n'ibimenyeshamakuru bike ni vyo biza kwemererwa kubizamwo."

Mu gisagara ca Kisumu, ku kibuga ca Jomo Kenyatta hashizwe imboneshakure kugira abanyagihugu bashobore gukurikirana urwo rugendo rwa Obama.

Vyitezwe ko kuri uno musi wa mbere Obama aja Kisumu aho yakirwa n'umukuru w'iyo ntara Anyang'Nyong'o imbere yo kwerekeza Siaya.

Ashitse aho mu gisagara ca Siaya, uwo yahoze arongoye Amerika arakirwa n'umukuru w'iyo ntara Cornel Rasanga imbere y'uko aja mu kigwati ca Kogelo aho umuryango wiwe wo muri Kenya wamuka, ace yugurura ibikorwa vya Sauti Kuu.

Abaserukira abandi, incabwenge, abategetsi b'amadini n'abarongoye ikigwati ca Kogelo baragize inama ku musi wa gatanu yo kurabira hamwe ingene bazokwakira Obama.

Igisekuru ca Obama muri Kenya

Image caption Uko niko umuryango wa Obama ku ruhande rwa Kenya umeze

Ibindi bisa n’ibi