Uwahoze acungera ubuzima bwa Osama Bin Laden yirukanywe mu Budagi

Bin Laden file pic from 2011 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Inyuma y'igitero ca 9/11 Bin Laden yari umwansi wa mbere wa Amerika

Ubudagi bwirukanye umugabo w'umunye Tunisia bivugwa ko yigeze kuba acungera ubuzima bwa Osama Bin Laden kandi yaba mu Budagi n'umuryango wiwe kuva mu 1997.

Uwo mugabo w'imyaka 42 azwi kw'izina rya Sami A yashizwe mu ndege iva mu gisagara ca Dusseldorf kari cane ku wa gatanu n'aho sentare yari yasavye ko atirukanwa.

Sami A yitwaza ko ashobora gusinzikarizwa ubuzima mu gihe yotahukanwa muri Tunisia.

Yafashwe mu kwezi guheze inyuma y'aho abajejwe abimukira bafatiye ingingo yo kumwirukana.

Ariko sentare ya Gelsenkirchen yari yafashe ingingo ko atokwirukanwa.

Bin Laden yatwaye umuhari wa Al-Qaeda, anarongora n'ibitero vyo kw'itariki 11 ukwezi kw'icenda mu 2001.

Yishwe n'abasirikare badasanzwe ba Amerika mu gihugu ca Pakistan mu 2011.

Sami A yagaragaye nk'uwushobora guhungabanya umutekano mu gihe aba gisagara kiri mu buseruko bw'Ubudagi ca Bochum, aho yahembwa ama euro 1.168 buri kwezi nk'imfashanyo.

CIA yasohoye amadosiye 470.000 ya Bin Laden

Umwana wa Ben Laden araronderwa muri Amerika

Amerika yishe umufasha wa Bin Laden

Ibimenyeshamakuru ntibiravuga izina ryiwe bwite kubera umutekano wiwe.

Yarahakanye ararengwa ko ata migenderanire bafitaniye n'imigwi yitwaza idini rya Islam. Yahora aba i Bochum n'umugore wiwe w'umudagi hamwe n'abana bane.

Abatwara indege batatu mu bagize igitero co kw'itariki 11 ukwezi kw'icenda bari mu muhari wa Al-Qaeda wari ufise icicaro i Hamburg mu buraruko bw'Ubudagi.

Sami A yagizweko amatohoza inyuma ko kwagirizwa ko afitaniye ubucuti na Al-Qaeda ariko ntawamwitwariye.

Ibindi bisa n’ibi