Umusore w'Umurundi abandanije kumenyekana kubera umugambi wiwe wo kurima ibizinu, wamuhesheje n'agashimwe

Emile Nsengiyumva yakira agashimwe gatangwa na EAC nad FAO Uwufise ububasha kw’isanamu Emile Nsengiyumva
Image caption Ibizinu vyahesheje Emile agashimwe gatangwa n'akarere ka Afrika y'ubuseruko na FAO

N'ubwo bitamenyerewe mu Burundi, hari umusore aherutse kuronka agashimwe "The best youth champions" kubera umugambi wiwe wo kurima ibizinu canke ibihumyo uri mu migambi yambere yagomwe ku rwego rwa EAC.

Umugambi wa Emile Nsengiyumva washimwe mw'ihiganwa ryatunganjiwe n'ishirahamwe rijejwe ibifungurwa kw'isi, FAO, hamwe n'ishirahamwe rya Afrika y'ubuseruko, EAC, mu kwezi kwa 6.

Uyu musore yipfuza ko Abarundi bokwijukira ico giterwa ngo kubera gifise akamaro kanini ku magara.

Ihiganwa ryatanguriye mu bihugu bigize umuryango wa Afrika y'ubuseruko ukwo ari bitandatu.

Image caption Emile akoresha ibisigazwa vy'ipampa canke ibiharoharo, akabipakira mu tumwanya tubonerana

Muri buri gihugu, FAO/EAC yarondera abakiri bato batatu bafise imigambi irashe ijanye n'uburimyi.

18 batowe baciye bajanwa guhabwa inyigisho mu gihugu ca Bénin ari naho imigambi yabo yaciye ihiganirwa nk'uko Emile Nsengiyumva abisigura.

Agira ati: "Batwigisha ingene imigambi yacu dushobora kuyandika ku buhinga buteye imbere. Duhejeje inyigisho twaciye twandika imigambi yacu maze ica irahiganwa.

"Bamaze guteranya amanota nasanze nabaye uwa mbere. Ni umunezero nta ngere."

Umusore Emile rero akoresha ibisigazwa vy'ipampa canke ibiharoharo, akabipakira mu tumwanya tubonerana, ivyo bita umugina, bagaca bashiramwo imbuto.

Image caption Nyuma y'iminsi 21 ibizunu biba bigeze kwimburwa, kandi ushobora gusoroma inshuro nyinshi

Inyuma y'imisi 21 ibizinu biba bitanguye kumera. None babitera mu buryo bungahe? Emile aratanga inyishu: "Hari uburyo bubiri. Urashobora kubitera mu kuzimu canke hejuru ku kintu cubatse nka étagère.

"Ariko ubwo buryo bwa mbere nibwo jewe nkoresha kubera iyo uriko uravomera akabombera kamara umwanya mu nini n'ibizinu bigasa neza."

Abanyagihugu baturuka mu ntara za ruguru basigaye bitura kino kigo; Bugaburirwa Patrice aturuka muri komine ya Mugina mu ntara ya Cibitoke yagize ati: "Mu myaka iheze abanya Cibitoke bakunda ibizinu vyo mw'ishamba.

Image caption Ibizinu bimaze kuzanira Emile inyungu nyinshi

"Ariko kuva aho baboneye ibi birimwa nivyo birukira kubera ivyo mw'ishamba bitakiboneka. Jewe ndabirima. Aha mbere naje kurondera imbuto. Turabifungura tukongera tukabigurisha bikaduha amahera".

Ibizinu rero kiretse ko ari ngirakamaro ku magara, ngo bishobora no kuba imwe mu nzira yo kugwanya inzara.

Bimenyeshwa na Prosper Kiyuku umushakashatsi mu bijanye no guteza imbere uburimyi bwa vyo.

Agira ati: "Ibizinu birihuta gukura. Ubiteye nk'uno musi inyuma y'indwi zitatu uba utanguye kwimbura. Kandi ku mugina umwe urashobora gusoroma incuro nyinshi.

"Nko kuri hegitari urashobora kuhakura amatoni nk'amajana abiri ku mwaka. Ibizinu mbere ni ngirakamaro ku magara. Bigwiriyemwo ingaburo bita ndemamubiri."

Mu myaka iheze ibizinu vyamera mw'ishamba. Ariko ubu bisa n'ivyahonye kubera amashamba ageramiwe.