Hirya no hino kw'isi bizihije umusi wahariwe uwahoze atwara Afrika y'epfo, Nelson Mandela, mu Burundi harekurwa abanyororo 30

Guhimbaza umunsi witiriwe Nelson Mandela vyabereye kw'ibohero rikuru rya Mpimba
Image caption Guhimbaza umunsi witiriwe Nelson Mandela vyabereye kw'ibohero rikuru rya Mpimba

Kuri uno wa gatatu u Burundi bwifadikanije n'isi yose mu guhimbaza umusi mukuru mpuzamakungu witiriwe Nelson Mandela, kuri uno munsi yari kuba akwije imyaka 100 y'amavuko.

Ni umusi hibukwa urugamba rudasanzwe uwo yahoze arongoye igihugu ca Afrika y'epfo yagize mu kugwanira agateka k'abanyororo.

Ibirori vyo kuwuhimbaza vyabereye mw'ibohero rikuru rya Mpimba mu gisagara ca Bujumbura.

Vyari bihagarariwe n'icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu, Gaston Sindimwo hamwe n'umushikiranganji w'ubutungane, Aimé Laurentine Kanyana.

Image caption Gaston Sindimwo yavuze ko ivyashikiye Mandela bitosubira, harekurwa abanyororo 30

Uwu musi ushitse mu gihe amabohero yo mu gihugu c'u Burundi harangwa ibitigiri vy'umurengera w'abanyororo.

Bwana Sindimwo yaciye amenyesha ko harekuwe abanyororo 30 dosiye zabo zatunganye, yongera asaba ko n'abandi amategeko abirekurira borekurwa.

Yagize ati: "Uwu musi tuwuhimbaje kugira twamirire kure ivyashikiye Mandela. Nico gituma twafashe ingingo yo kubohoza aba banyororo".

Image caption Amabohero yo mu Burundi afise ikibazo c'umurengera w'impfungwa

Amabohero yose hamwe ukwo ari 11 ari mu gihugu c'u Burundi, afise abanyororo barenga ibihumbi icenda n'amakana icenda.

Ibi bitigiri rero biteye umutima uhagaze abategetsi bahagarikiye ihimbazwa ry'uno musi.

Umushikiranganji w'ubutungane Kanyanya yipfuza ko ama dosiye y'abanyororo yoza aranyaruka kugira ibintu bigende neza.

Yagize ati: "Ntidusinzira turiko turiyumvira aba banyororo ingene bova muri kino kibanza. Turabizi ko ngaha mw'ibohero bishika umunyororo akatwandikira ikete ntirishike.

"Umunyororo yanditse ikete ntirishike iyo rija ukwo ni ukumubuza gushikiriza ibimugoye".

Uwo mutegetsi yasavye abarongoye amabohero gutunganiriza neza abanyororo.

Image caption Aimé Laurentine Kanyana yasavye ko amanyororo batunganirizwa

Nelson Mandela yapfunzwe imyaka 27 kubera guharanira agateka ka zina muntu n'akabapfungwa, hamwe no kurwanya intwara karyanishamyiryango ya apartheid muri Afrika y'epfo.

Bwana Mandela kandi yagize uruhara rudasanzwe kugira amasezerano ya Arusha yo kunywanisha Abarundi aboneke.

Ayo masezerano yasinywe igenekerezo rya 28 myandagaro umwaka w'2000, yatumye harangira indyane u Burundi bwari bumazemwo imyaka 10 kuva mu 1993 aho hagandagurwa umukuru w'igihugu Melchior Ndadaye.

Ibindi bisa n’ibi