Kwitaho abandi n'urukundo bafitiye imiryango vyatumye igitigiri c'urwaruka rutwara inda bakiri bato kigabanuka

Young woman on her phone with earphones in Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Urwaruka rukora imibonano mpuzabitsina rugenda rugabanuka, ahubwo rushira imbere kugumana n'imiryango no kuganirira ku mbuga ngurukanabumenyi nk'uko ubushakashatsi buvyerekana.

Amatohoza yakozwe ku bantu 1000 bafise imyaka iri hagati y'imyaka 16-18 yerekanye kandi banywa inzoga gake.

Ishirahamwe the British Prednancy Service (BPAS) rivuga ko ivyo bishobora gusigura igitigiri c'urwaruka rutwara imbanyi cagabanutse cane mu Bwongereza kuva mu 2007.

Ibice bibiri kuri bitatu vy'urwaruka rwakozweko amatohoza ruvuga ko rutaragira imibonano mpuzabitsina na rimwe. Ibindi bice 24 kw'ijana bivuga ko bitaranywa inzoga na rimwe.

Imirimo ya buri musi

BPAS bavuga ko urwaruka rw'ubu ruboneka nk'urufise igishika, rwitaho cane ivyigwa hamwe na kazoza akaba ari yo mpamvu adashaka gutwara imbanyi.

Abarenga 80 kw'ijana y'ababajijwe bavuze ko gukora neza mu bibazo canke gushika kure mu kazi batoye gukurikirana ari vyo bashira imbere, ugereranije n'ibice 68 kw'ijana bavuze ko kumarana umwanya n'abagenzi babo ari vyo bashira imbere.

Abakiri bato kandi babona ko umwanya bamarana n'abavyeyi ari wo ngirakamaro cane gusumba uwo bamarana n'abagenzi.

Kandi benshi bavuga ko kwiga no gukora bituma kurondera umwanya wo kuraba abagenzi uca ugorana kuronka.

Ariko uko urwaruka rukoresha umwanya, ico cigwa cerekanye ko bamara ku mbuga ngurukanabumenyi nk'amasaha atanu ku musi batariko bariga canke batariko barakora.

Abadashika ica kane c'ababajijwe bakunze kubonana n'abagenzi babo amaso mu yandi canke abakunzi babo baba bafise intumbero yo guhuza ibitsina.

Inyigisho zerekeye guhuza ibitsina

Imbanyi ku rwaruka zaragabanutse muri iyi myaka 20 mu gihugu cose mu Bwongereza inyuma y'ingingo zafashwe zo gutuza igitigiri kirenze urugero c'abazitwara mu buseruko bwa Buraya.

Umukenyuro, watumye haba ukworoha kuronka imiti yo kwirinda gusama n'izindi nyigisho ziraba uguhuza ibitsina kw'ishure no mu mavuriro, umaze imyaka 10 - ariko ibiharuro vyabandanije kumanuka gushika ku bice 50 kw'ijana kuva mu 2007.

Mu 1961, abatwara imbanyi bashika ku 47 ku bigeme 1000 bafise hagati y'imyaka 15-17, vyari ibice 18.9 kw'ijana.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Amatohoza ya BPAS yasanze n'inyifato yarahindutse - abakiri bato bane kuri batanu bumva ko bigaragara nabi kuba uri umwana wavyaye uwundi, kandi abigeme bakiri bato ntibagikeneye gufasha na reta canke n'umuryango wabo mu gihe baba batwaye imbanyi.

Nka bose bavuga misi yose canek kenshi bakoresha imiti yo kwikingira imbanyi mu gihe bariko bakora imibonano mpuzabitsina, n'aho ibice 14 kw'ijana bavuga ko bakoze imibonano mpuzabitsina "gake" canke "ata na rimwe" barabikora.

'Ingingo zitandukanye'

Umukuru wa BPAS Katherine O'Brien avuga ko umugambi wa reta ku bakundana n'inyigisho ku guhuza ibitsina ku mashure kuva mu kwezi kw'icenda mu 2019 bishobora gutuma ibiharuro vy'urwaruka rutwara imbanyi bimanuka gusumba mu gihe woba mwiza bikwiye.

Yavuze ati:"Amatoza yacu yerekanye ko urwaruka rw'ubu rwitayeho cane amashure, bazi cane ikibazo c'ubutunzi ariko bashaka gushika kure, kandi benshi muri bo banezerwa bari mu miryango yabo gusumba iyo bari kumwe n'abakunzi babo n'abagenzi.

"Bisa n'uko bashira imbere cane kwerekana ko ari abizigirwa kandi babona kure na cane na cane cane ku bibazo vyo kunywa inzoga n'imibonano mpuzabitsina.

"Turemeza ko abakiri bato ubwabo bafata ingingo zitandukanye ku kungene bashaka kuba mu buzima bwabo."

Ugutanga imiti yo kwirinda imbanyi

Umwigisha wo kuri Royal of Obstetricians akaba ari n'umukuru w'abaganga bavura abakenyezi, Prof Lesley Regan yavuze hakiri ubutandukane ku mbanyi z'abakiri bato ufatiye ku turere.

Birababaje kubona "igitigiri kinini c'abakiri bato bataronka inyigisho zikwiye m'uvyo urukundo n'imibonano mpuzabitsina."

Igabanywa ry'amahera agenewe amagara y'abanyagihugu ryatumye bigorana gusumba kuri bamwe mu rwaruka kuronka imiti yo kwirinda imbanyi.

Yahamagariye reta gukora uko ishoboye ngo ironse urwaruka ivyo rukeneye 'kuko birihuta cane'.