Impunzi z'Abarundi zirenga 30.000 zahungiye muri Tanzania kuva mu 2015 zaratahutse mu Burundi

Abantu barenga 30.000 bahungiye muri Tanzania baramaze gutahuka mu Burundi
Image caption Abantu barenga 30.000 bahungiye muri Tanzania baramaze gutahuka mu Burundi

Impunzi zirenga 30.000 z'Abarundi zaratuhutse ziva mu makambi zo muri Tanzania, kuva umugambi wo kubatahukana ku bushake bwabo utanguye mu ntango z'uyu mwaka.

Ingingo yo gutahukana impunzi yafatiwe mu nama yahuje Prezida Magufuli wa Tanzania na mugenzi we w'u Burundi, Pierre Nkurunziza, mu kwezi kw'indwi umwaka uheze, aho bahanuye izo mpunzi gutahuka

Ako kamo kariyamirijwe n'amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu kubera hari inkuru zavuga ko mu Burundi agateka ka zina muntu katubahirijwe.

Abarundi barenga 310.000 barahunze igihugu cabo mu 2015 inyuma y'imidurumbanyo yadutse ivuye ku matati y'ikiringo ca gatatu ca Pierre Nkurunziza.

Image caption Abantu barenga 30.000 bahungiye muri Tanzania baramaze gutahuka mu Burundi

Tanzania yagiye irugururira imiryango impuzni ibihumbi n'ibihumbi bahungira muri ico gihugu bava mu bihugu vy'u Burundi, u Rwanda na Kongo.

Abatabona neza ico gikorwa bavuga ko Tanzania n'u Burundi bashaka kucishimikiza mu kwereka amakungu ko amahoro yagarutse mu Burundi.

Ariko amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu abandanya avuga ko agateka ka zina muntu kabandanya kutubahirizwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Ishami rya Onu rifasha impunzi kw'isi - UNHCR - rirashigikiye umugambi wo gutahukana impunzi ariko ntirihanura izo mpunzi gutaha.

Bamwe bavuga ko batagaruka kuera bemera ko hari amahoro ijana kw'ijana, bavuga ko bagaruka mu gihugu cabo bazi neza uko kimeze kuva bakivuka.

Ibindi bisa n’ibi