Ishirahamwe rya Buraya ritewe impungenge n'itegeko muri Israel ryemerera Abayahudi bonyene ukwishira bakizana

Ahavuye isanamu, Getty Images
Itegeko rishasha riha Abayahudi uburenganzira burengeye kure abandi banyagihugu b'Abarabu
Ishirahamwe rya Buraya ryamenyesheje ko ritewe impungenge n'itegeko rishasha ryo muri Israel rivuga ko Abayahudi bonyene ari bo bafise uburenganzira bwo kwishira bakizana muri ico gihugu.
Umuvugizi w'uwujejwe imigenderanire n'amakungu muri iryo shirahamwe, Federica Mogherini, yavuze ko iryo tegeko rizobangamira umwumvikano kw'ishingwa rya leta zibiri, iya Israel n'iya Palestine.
Iryo tegeko rigena Igiheburayo nk'ururimi rwemewe rwa Israel, rigashira Icarabu ku rwego rwo hasi.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Abashingamateka b'Abarabu bo muri Israel baryiyamirije bivuye inyuma
Abarabu b'abanye Israel biyamirije iryo tegeko bivuye inyuma bavuga ko rivangura amoko kandi ko riteye kubiri na demokrasi.
Ariko umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, yakeje iryo tegeko avuga ko iki ari "igihe ngirakamaro" cane muri kahise ka Israel.