Umukuru w'igihugu wa Amerika, Donald Trump, yatumiye mugenzi wiwe w'Uburusiya, Putin, ariko ntivyakiriwe neza

Ivyo Trump yabwiye Putin aho baheruka kubonana ntivyaguye neza abo mu mugambwe wiwe Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ivyo Trump yabwiye Putin aho baheruka kubonana ntivyaguye neza abo mu mugambwe wiwe

Prezida wa Amerika Donald Trump yipfuza gutumira i Washington prezida w'Uburusiya Vladimir Putin mu mpera z'uyu mwaka, n'aho inebagurwa ry'umubonano wabo muri Finland ribandanya.

Umuvugizi w'umukuru w'igihugu muri Amerika Sara Sanders yavuze ko ibiganiro kuri urwo rugendo biza vyatanguye.

Ariko uworongoye umukuru w'abakenguzamateka bo mu mugambwe w'abademokrate muri ico gihugu Chuck Schumer yiyamirije ubwo butumire avuga ko prezida Trump adakwiye gusubira kubonana na prezida Putin amaso mu yandi gushika igihe abanyamerika bazomenya neza uko umubonano w'i Helsinki wagenze.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezida w'Uburusiya Vladimir Putin

Mu kiganiro ku mboneshakure ya CNBC prezida Trump yarasiguye ingene ashaka guteza imbere imigenderanire n'Uburusiya, ariko yavuze ko mu gihe bitoshoboka, azoba umwansi w'uwo mukuru w'igihugu w'Uburusiya gusumba uko vyari bimeze imbere.

Muri ico gihe nyene, inkuru zo gutumira prezida Putin zisa n'izatangaje uwujejwe umutekano wo hagati mu gihugu muri Amerika Dan Coats, yamenye ivyo iyo nkuru mu kiganiro c'ikibiriraho cerekeye umutekano cabereye mu ntara ya Colorado.

Yishuye atwenga avuga "... ico kizoba ari ikintu kidasanzwe"

Aca yongerako ko gushika ubu ataramenya ico Prezida Trump bavuganye na prezida Putin mu mubonano wabo, wagiwemwo gusa n'abasemuzi.