Abahinga ku ndwara ya SIDA bagabisha ko intambwe yatewe ishobora gusubira inyuma

Abahinga bari mu bushakashatsi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abahinga bari mu bushakashatsi

Umugwi mpuzamakungu w'abahinga mu bumenyi uvuga ko intambwe imaze gushikwako mu kurwanya umugera wa Sida hamwe na Sida, ishobora kutabandanya .

Uwo mugwi w'abahinga uvuga ko mu vy'ukuri amahera yo gufasha kurwanya ico kiza atigeze yongerekana, ibintu bigashobora gutuma iyo ndwara isubira kwaduka mu gihe urwaruka rw'ubu ruriko rurakura, urukuze na rwo ruriko rurinjira mu buzima bw'abantu bakuze.

Mu gihe urugero rw'abandura umugera wa Sida rwagabanutse, abantu bo mu migwi yakumiriwe harimwo abaryamana basangiye ibitsina, abafata ibiyayuramutwe hamwe n'abagurisha imibiri yabo barageramiye bikomeye.

Indwara ya Sida kandi irica abakenyezi benshi n'abakiri bato mu karere ka Afrika ko musi y'ubugaragwa bwa Sahara.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ipimwa ry'umugera wa Sida

Ico cegeranyo gishasha kandi kivuga ko abantu bamaze kwandura iyo ndwara bakaba babayeho umwanya muremure kubera bafata imiti, mu nyuma bafatwa n'izindi ndwara z'ivyuririzi bariko barasaza harimwo cancer n'indwara z'umutima.

Abantu bagera ku miliyoni 37 kw'isi babana n'umugera wa Sida hakaba haharurwa ko hari abandi bandura bashasha bagera ku miliyoni 1.8 buri mwaka.