'BBC Radio yacu' ururirimbo rwa Didier Nkengurutse

Didier Nkengurutse

Umurundi Didier Nkengurutse, aba muri zone ya kamenge mu buraruko bw'igisagara ca Bujumbura yashize ahabona ururirimbo "BBC Radio yacu"

Muri uru ruririmbo uyu musore agaruka ku ruhara iyi radio yagize mu guhuza imiryango muri kahise mu bihe vy'intambara zo muri kano karere.

Agatera akamo abanyagihugu baho eka n'abo muri Afrika kwirinda ibibacanishamwo.

Ururirimbo "BBC Radiyo yacu" ni rumwe mu ndirimbo zigize urukurikirane umusore Didier Nkengurutse, w'imyaka 32, agiye gusohora mu misi iri imbere.

Yaganiriye na BBC maze arasigura icatumye akoresha amafaranga yiwe n'umwanya mukurutunganya.

Yagize ati: "Icatumye nandika uru ruririmbo ni urukundo nabonye kuri BBC. Aha mfatira kuvyo nayibonyeko mu ntambara zagiye ziba mu karere k'ibiyaga binini mu myaka iheze aho wasanga imiryango yasanzaye kubera intureka.

"Umwana agahunga ukwiwe, abavyeyi bakaja ukwabo. Abamenyeshamakuru ba BCC baraza mu nkambi bagaha ijambo nk'umwana akamenyesha abiwabo ko akiriho akababwira n'iyo bomuronderera. Vyarankozeko".

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
Didier Nkengurutse akora mu gahogo no ku murya, aririmba BBC Radiyo Yacu

Kanda ngaha wumvirize indirimbo yose

Ururirimbo «BBC radio yacu» nirwo rero ruri kw'isonga ry'urukurikirane Didier Nkengurutse yajanye muri studio, urwo ruririmbo ruri mu mudiho w'ikinyafrika mbere ruza rumaze gutungana.

Mu gihe ibihugu vyo mu karere k'ibiyaga binini n'ivyo ku mugabane wa afrika bikunda kurangwamwo inryane, umusore Didier yipfuza kubona abarundi, abanyarwanda n'abanyafrika bose babanye mu mahoro.

Ibindi bisa n’ibi