Igitero c'i Toronto mu karere ka Greektown cahitanye umuntu umwe.

People leave an area sealed off by Canadian police after a mass shooting in Toronto. Photo: 22 July 2018 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Police evacuated people from the area

Igipolisi kivuga ko umugabo yitwaje inkoho yarashe mw'ibarabara ryuzuyemwo abantu mu karere ka Greektown mu ntara ya Toronto muri Canada, yica umuntu umwe abandi 13 barakomereka, harimwo umwe ababaye cane.

Igipolisi congerako ko uwakomeretse cane ari umwana w'umwigeme yoba afise imyaka umunani canke icenda wo gisagara ca Greektown co muri Canada.

Uwo mugabo yari afise inkoho na we yapfuye bariko bararasana n'abajejwe umutekano.

Icogitero cabereye kw'ibarabara rya Danforth ku musi wa mungu ku mugoroba, aho ico kibanza cari cuzuyemwo abantu, nk'uko vyandikwa na Canada's Globe hamwe na Mail.

Icatumye haba ico gitero cari gitumbereye inzu y'uburiro ntikiramenyekana.

Kuri video yerekanwa n'ibimenyeshamakuru vya Canada, urabona umugabo yambaye impuzu n'inkofero yirabura afise isakoshi ku rutugu ahagaze iruhande y'ibaraba ariko arasohora inkoho imbere yo gutangura kurasa.

Bamwe mu bakomeretse bavuriwe aho nyene mu gihe abandi bajanywe kwa muganga.

Igipolisi casavye ko ababibonye bobafasha mu gutanga inkuru.

Umukuru w'igisagara ca Toronto John Tory yateye ivyatsi ico gitero cagizwe ku bantu b'inzirakarengane bariko bariryoherererwa n'umugoroba w'umusi w'Imana.

Umushikiranganji wa mbere w'intara ya Ontario, Doug Ford, yanditse kuri twitter afata mu mugongo abashikiwe n'ivyo vyago.

Ibindi bisa n’ibi