Umugabo w'Umusomalia arashigikiye 'ukugenyerwa' kw'abigeme n'aho umukoba wiwe yahasize ubuzima

Members of African Gay and Lesbian communities demonstrate against female genital mutilation, 23 January 2007 at the Nairobi World Social Forum venue in Kasarani, Nairobi. Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Umwana w'umukobwa muri Somaliya w'imyaka cumi yaravuye amaraso gushika apfe inyuma y'imisi ibiri ajanywe kugenyerwa nk'uko biri mu mico n'imigenzo ya Somalia.

Umukobwa wa Dahir Nur yapfuye amaze gutakaza amaraso itariki 17 z'ukwezi kw'indwi, inyuma y'imisi ibiri ajanywe kugenyerwa mu kirundi, canke gusiramurwa kw'abakobwa.

Ariko yabwiye iradiyo Ijwi rya Amerika ati "bantu bo muri aka karere baranezerewe" n'umugenzo wo kugenyerwa n'aho ushobora guhitana abantu, anongerako ko ati ni "akaranga" k'igihugu.

Inkuru zitangwa n'ishami ry'ishirahamwe mpuzamakungu rirengera abana, Unicef, zivuga ko ibice 98% vy'abapfasoni n'abigeme muri Somalia bagenyerewe.

N'aho uwo mugenzo utarekuwe mw'ibwirizwa shingiro rya Somalia, n'aho bidakurikije amategeko - uwo mugenzo wo gukura igice canke igihimba cose c'inyuma ku gitsina c'umukobwa, bitavuye ku mpamvu z'amagara akitse umuntu, ushobora gutera ingorane nyinshi ku magara y'abantu.

Dr Abdirahman Omar Hassan arongoye ibitaro vya Hanano mu gisagara ca Dhusamereb yabwiye Ijwi rya Amerika ko atari bwabonye umuntu agenyerewe ukuraho mu buzima bwiwe bwose.

Dr Gassan yari mu mugwi w'abaganga bagerageje kurokora uwo mwana w'umwigeme, yanamenyesheje ko yari yamaze kwandura ingwara ya tetanusi, ishobora kuba yavuye ku bikoresho bakoresheje igihe bariko baramugenyera.

Ariko Nur yavuze ko ata we azokwitwarira kandi ko ata we yagiriza urupfu rw'uwo mukobwa iwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Kugenyerwa kw'abana b'abakobwa bakiri bato biri mu muco wo muri Somalia

Hawa Aden Mohamed, arongoye ishirahamwe riharanira agateka k'abakenyezi, Galkayo Education Center for Peace (GECPD), yavuze ko n'aho yari kwitwara ataco vyari gutanga.

Yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ati: "Umupfasoni yamugenyereye ntiyahagaritswe, nta tegeko na rimwe rivuga ingene yohanirwa ivyo yakoze.

"Iki ni ikintu kimwe gusa mu bintu vyinshi biba ku musi ku musi mu gihugu ca Somalia cose."

Utwigoro two guhana abagenyera abapfasoni twaraburijwemwo n'abanye politike, bibaza ko bohomba amajwi y'ababishigikiye bemera ko ari idini ibitegeka, mu gihe abatagenyerewe na bo bafatwa nk'ibivume.

Ibindi bisa n’ibi