Ebola: Ingene ingwara ruhonyanganda yagaritswe

A health worker monitors the temperature of a traveller from the DR Congo Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umukozi muvyo amagara y'abantu ariko arapima ubushuhe bw'umuntu yari avuye muri RDC

Umwe mu migera yica cane kw'isi, Ebola warahitanye igice c'abawanduye. Ariko n'aho yaboneka nk'ingara y'icaduka, iyiherutse yaje mu bundi buryo bwihariye.

Bwari bubaye ubugira icenda Ebola yaduka mu gihugu ca RD Congo mu myaka cumi., ihitana abantu 29 isiga abana b'impfvyi 60.

Mu gihe hapfuye umuntu umwe gusa, baba ari abantu benshi ku rundi ruhande, iyo ngwara yahitanye abantu 11.000 mu burengero bwa Afrika, bikaba vyitezwe ko mu mpera z'iyi ndwi ishami rya Onu rijejwe amagara y'abantu OMS rizomenyesha ku mugaragaro ko iyo ngwara yaranduranywe n'imizi.

Ico gitigiri gisa n'igisanzwe c'abahitanywe n'iyo ngwara cakurikiwe n'ikoreshwa ry'urucanco rwariko rurageragezwa, rushobora kuba rwararokowe abantu amajana n'amajana eka mbere nkeka ibihumbi n'ibihumbi.

Igisata c'amagara y'abantu kigoyagoya

N'aho uwo mugera wadutse mu karere ka kure cane, hari ubwoba ko igitigiri kinini c'abantu gishobora kwandukirwa.

Uwo mugera wadutse hagufi y'igihugu ca Centrafrique na RD Congo - akarere kanini cane kagwiriyemwo abantu ariko igisata c'amagara y'abantu kitifashe neza. N'akarere kandi kegereye imihora yo mu mazi n'amabarabara agana i Kinshasa ku mugwa mukuru - haba abantu imiliyoni cumi.

Urwo rucanco rwakoreshejwe ruzwi kw'izina rya rVSV-ZEBOV rwari rugikorwa igihe uwo mugera waduka mu 2014-2016. Ariko ubu vyaragaragaye ko rushobora gukora.

Igihe uwo mugera wasubira kwaduka mu 2018, wari gushobora gukwiragira n'ingoga, ariko reta ya Congo yaciye yemera ko rugeragerezwa ku bantu. Urwo rucanco rwagenewe gukoreshwa kuri Ebola yo muri Zaire.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Abahinga n'abakozi muvyo amagara y'abantu barakwiragijwe kugira bakurikirana abandukiwe bose kuva hakiboneka umuntu wa mbere yanduye.

Abakozi bo mu magara y'abantu bari muri ako karere, abegereye abamaze kwandura hamwe n'abo bamaze kubonana bose bakeneye guhabwa urwo rucanco.

Ariko kubika neza urwo rucanco n'ukugira uko ushoboye ngo rushikire abo rugenewe n'akandi kazi katoroshe.

Urwo rucanco rutegerezwa kubikwa mu kibanza gikanye cane, muri -70C.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Ibi rero birazimvye kandi biragoye mu karere kari kure cane y'igisagara hadashika umuyagankuba. Uretse urwo rucanco, hakenewe ibintu bikanyisha n'imashini itanga umuyagankuba bizanwa na kajugujugu.

Ikibanza cihariye hamwe n'aho kubavurira bikenewe kubakwa, ikibanza co gupimiramwo hamwe n'abahinga bo gupima bategerzwa kwigishwa kugira baze baremeza abamaze kwandura Ebola.

Umwumvikano

Kugira urwo rucanco rukore neza, rutegerezwa guhabwa abarukwiye vy'ukuri.

Abakozi muvyo amagara y'abantu baravuganye n'abagwayi, imiryango yabo hamwe n'abantu bose kugira ntihabe ibihuha, habe uwkizerana no kwigizayo ubwoba.

Ibi babisigurira abarongoye abandi, ntiryari isekeza rigenewe bose.

Urucanco rwahabwa abagwaye Ebola, abagenzi, incuti hamwe n;abo babonanye - co kimwe n'abashinzwe amagara y'abantu hamwe n'abafasha mu gikorwa co guhamba abapfuye. Bose bategerezwa kuvyiyemerera.

Uwufise ububasha kw’isanamu WHO/Lindsay Mackenzie
Image caption Abashinzwe amagara y'abantu bategerezwa kugenda n'udupikipiki mu turere turangwamwo amabarabara mabi.

Kumenya no gutoa abantu bose bashobora kuba barabonanye n'umugwayi wa Ebola cari igikorwa kitoroshe kubera aho baba.

Abashinzwe amagara y'abantu bategerezwa kugenda n'udupikipiki mu turere turangwamwo amabarabara mabi.

N'aho hari izo ngorane, abantu benshi barabonetse, abashika ibice 98% mu bashoboye kumenyekana bararonse urucanco.

Ibindi bisa n’ibi