Viagra: Abana bapfuye inyuma y'aho abagore bibungenze baherewe imiti yo kwongereza inguvu muri Holande

Dawa za samawati Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Ubushakashatsi ku bapfasoni bibungenze bwahagaritswe inyuma y'aho abana 11 baburiye ubuzima.

Abapfasoni bari bitavye ubwo bushakashatsi muri Holande bari bahawe umuti wa viagra kugira ufashe abana bataravuka gukura neza kubera ingovyi itameze neza.

Bigaragara ko uwo muti ufasha mu gukwiragiza amaraso mu mubiri, woba warononye amahaha y'abo bana.

Abahinga bavuga ko hakenewe amatohoza yo kumenya uko vyagenze.

Ntawuravuga ko hoba harabaye amakosa ayo ari yo yose.

Abana bagwaye

Ibipimo vyaheruka gukorerwa mu gihugu c'Ubwongereza na Australia hamwe na Nouvelle Zellande nta co vyerekanye kuri iyo ngingo. Ariko kandi vyarafashije.

Muri gihe, mu 2010, abashakashatsi bavuze ko uwo muti ukwiye gukoreshwa mu kuwugerageza gusa.

Ugukura k'umwana ari mu nda, kuraterwa ingorane n'ingovyi itameze neza, bikaba ari ibintu bitavurwa.

Bisigura ko umwana aca avuka atarakura, apima ibiro bike n'amahirwe make yo kubaho.

Umuti ushobora kwongereza ibiro canke umwanya wo kwibaruka ushobora gutanga amahirwe kuri abo bana.

Ubwo bushakashatsi bwo muri Holande bwotegerejwe kubandanya gushika mu 2020 bwariko burabera mu bitaro 11 muri ico gihugu harimwo na kaminuza y'ubuvuzi ya Amsterdam.

Muri rusangi abapfasoni 93 barahawe viagra yo mu bwoko bwa Sildenafil, mu gihe abandi 90 basigaye bahawe iyo mu bwoko bwa Placebo.

Abana 20 baragize ingorane y'amahaha inyuma yo kuvuka - batatu bakaba ari abo mu mugwi wahawe Placebo bakaba ari nabo basigaye bavugwa.

Abna 11 bo mu mugwi wa Placebo barapfuye bivuye ku ngwara y'amahaha.

Prof Zarcko Alfirevic wo muri kaminuza ya Liverpool, yari arongoye ubwo bushakashatsi mu bapfasoni bibungenze yavuze ko uwo muti ata co ufasha mu gufasha umuwana gukura, avuga ko : "Ibi ata wari avyiteze."

"Dukeneye kuba maso cane muri iki gihe kugira tumenye ico vyavuyeko."

"Harakenewe amatohoza akomeye kubera ingaruka zawo ntizari zagaragaye mu bipimo bibiri vya mbere, bikaba ari ibipimo bisa n'ivyakorewe mu Bwongereza, Australia na Nouvelle Zellande.

Ibindi bisa n’ibi