Ukwezi kuzoboneka umwanya munini: Witeguriye gute ivyo bintu vy'akataraboneka?

Ukugaragara k'ukwezi

Ahavuye isanamu, NASA

Insiguro y'isanamu,

Ukugaragara k'ukwezi itariki 27 z'ukwezi kw'indwi mu 2018 kuzomara umwanya munini cane ubwa mbere mu kinjana ca 21

Ubwirakabiri buzoba itariki 27 ukwezi kw'indwi mu 2018 kandi ntikuzoba busanzwe.

Ivyo bizomara umwanya muremure gusumba mu kinjana ca 21, nk'uko bivugwa n'ishirahamwe riraba ikirere (NASA).

Mu gihe wogira amahirwe, ushobora kubona ivyo bintu mu kiringo c'isaha imwe n'iminota 43.

Ubwirakabiri n'iki?

Ubwirakabiri buba mu gihe izuba, isi n'ukwezi bibonekeye rimwe.

Ibi bisigura ko isi iba iri hagati y'izuba n'ukwezi bigatuma umuco w'izuba utaboneka.

Ubwirakabiri buba iyo ukwezi kwinjiye mu gitutu c'isi.

Mu bihe bitandukanye ubwo bwirakabiri buzomara amasaha atatu n'iminota 55.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Ijoro ry'ubwirakabiri rizana ibihuha ko hari 'ukwezi kw'amaraso' kubera kuba gufise irangi ritukura

Kubera iki bakwita 'ukwezi kw'amaraso?

Ijoro ry'ubwirakabiri haca havugwa ibihuha ko hari 'ukwezi kw'amaraso' kubera irangi ritukura.

Ivyo rero bivana n'ingene bogarana kubona imishwarara y'izuba mu kirere hagaca haboneka irangi ry'umuhondo n'iritukura mu kwezi.

Muri ico gihe nyene, mu gihe hazoba hariko haraba ubwirakabiri itariki 27 z'ukwezi kw'indwi, ukwezi kuzoba kuri kure cane y'isi.

Ni hehe na ryari buzoboneka?

Ubwirakabiri bw'itariki 27 ukwezi kw'indwi buzoboneka i Buraya, Afrika, mu burasirazuba bwo hagati, hagati muri Asia na Australia, hakaba ari uturere twose uretse gusa uburaruko bwa Amerika.

Ntuzorinda gukoresha ivyuma mu kuraba ubwo bwirakabiri.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Igitutu c'ubwirakabiri kizogaragara kuri satelite ariko ntikizozibira umuco wose. Mu Bwongereza ntawuzoshobora kubona intango y'ubwo bwirakabiri.

Ni nde azobona ubwo bwirakabiri neza?

Ahantu heza ho kurabira ubwo bwirakabiri ni hagati mu karere ka Afrika yo mu buseruko, ubuseruko bwo hagati hamwe no hagati ku mugabane wa Asia.

Ariko ntibizoboneka mu turere two hagati na no mu buraruko bwa Amerika.

Mu bumanuko bwa Amerika, bushobora kuzoboneka gato mu turere two mu buseruko na cane cane mu bisagara vya Buenos Aires, Montevideo, Sao Paulo na Rio de Janeiro.

Mu bisagara bindi vyo hagufi buzoboneka mu gihe ukwezi kuzoba kuriko kuragenda muri ako karere - ku murongo aho isi n'ijuru bizoba bisa n'uko bihuye.

Igitutu c'ivyo bintu kizogaragara kuri satelite kitazibiye umuco na gato.

Mu Bwongereza ntibuzoshobora kubona ubwo bwirakabiri bugitangura, kubera ko ukwezi kuzoba kudashobora kuboneka urabishije amaso gusa.