Abarundi baba mu mahanga barenga ijana bari i Bujumbura mu ndwi yahariwe ababa mu mahanga

Prezida Nkurunziza akikujwe na bamwe mu baje baserukira abarundi baba mu bindi bihugu
Image caption Prezida Nkurunziza akikujwe na bamwe mu baje baserukira abarundi baba mu bindi bihugu

Mu Burundi hatanguye indwi yahariwe Abarundi baba mu mahanga yuguruwe n'umukuru w'igihugu Petero Nkurunziza.

Abaje mu ndwi yahariwe abarundi baba mu mahanga bazogendera ibibanza vy'ingenzi biri mu gihugu kugira bihweze ingene vyokwinjiza amafaranga y'agaciro atanzwe n'abarundi ubwabo.

Ni mu gihe u Burundi buhanzwe n'ikibazo c'ubukene bw'amafaranga y'agaciro kuva mu ntureka zo muri 2015.

Japhet Legentil abaserukira yabwiye abanyamakuru ko uwu ari umwanya mwiza ku barundi baba hanze y'igihugu wo kumenya aho igihugu cabo kigeze mw'iterambere.

Bamwe mu barundi baba mu mahanga ariko ntibemera indongozi zabo.

Image caption Prezida Nkurunziza ariko araraba bimwe muvyo abarundi baje guhayanisha

Bazagiriza gushira mu mashirahamwe yabo ivya politike hamwe no gukorana n'ubutegetsi bw'i Bujumbura.

Japhet yasiguye ingene abona ico kibazo avuga ati:"Ivyo ni ibisanzwe mbere ico ni ikimenyetso ca demokarasi. Mu barundi baba hanze y'igihugu harimwo abavuga bati twebwe ntimutugore nta na kimwe dushaka gufasha abandi nabo bakavuga bati twebwe turiteguye guterera agacumu k'ubumwe. N'ibisanzwe rero. Igikuru n'uko twebwe nk'indongozi dukorera bose ababikunda n'abaabikunda", nikwo Japhet yabwiye abanyamakuru.

Mu kibanza iyi ndwi yahimbarijwemwo hagaragaye abarundi baje guhayanisha ibintu bitandukanye bihungurira.

Image caption Uwuserukira abarundi baba hanze Japhet Legentil yarambitse ikidari prezida Pierre Nkurunziza ngo kuko yabaye akarorero kw'isi yose no mu Burundi mu guharanira amahoro no kunywanisha abarundi.

Uwuserukira abarundi baba hanze Japhet Legentil yarambitse ikidari prezida Pierre Nkurunziza ngo kuko yabaye akarorero kw'isi yose no mu Burundi mu guharanira amahoro no kunywanisha abarundi.

Ibindi bisa n’ibi