Umugwi wiyita Leta ya Islamic canke Islamic State wahitanye abantu 150 mu bitero muri Syria

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ivyo bitero vyaguyemwo abarwanyi benshi bashigikiye leta ya Syria
Abarwanyi b'umugwi w'intagondwa wiyita leta ya Islam, bishe abantu benshi mu rukurikirane rw'ibitero mu turere tugenzurwa na leta ya Syria, mu burengero bw'ico gihugu.
Ibitero vyinshi vy'abiyahuzi vyagabwe ahitwa Sweida, umuji mukuru muri ako karere, mu bisa n'ibitero vyateguriwe hamwe mu ntara yose.
Ababikurikiranira hafi bavuga ko abantu barenga ijana na mirongo itanu bahasize ubuzima, barimwo abanyagihugu benshi hamwe n'abarwanyi bashigikiye leta.
Nico gitero gikomeye kimaze kugabwa kuri leta muri ako karere mu kiringo c'amezi menshi.